Kandi ryongera kuza no ku ngoma ya Yehoyakimu mwene Yosiya, umwami w’i Buyuda, gushitsa no kw iherezo ry’umwaka ugira icumi na rimwe Zedekiya mwene Yosiya, umwami w’i Buyuda, ari ku ngoma; rishitsa n’igihe ab’ i Yerusalemu bājanywe kw inyagano mu kwezi kwa gatanu.
Ijambo ryaje kuri Yeremiya ku vy’abantu bose b’i Buyuda mu mwaka ugira kane Yehoyakimu mwene Yosiya, umwami w’i Buyuda, ari ku ngoma; ni wo war’ umwaka wa mbere wa Nebukadineza umwami w’i Babuloni wo kuba ku ngoma.