Yeremiya 24:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)9 mbere nzobatanga batererekanywe irya n’ino mu bihugu vy’abami bose bo mw isi, ngo mbagirire nabi; bazoba igitutsi n’iciro ry’imigani n’agatwengo n’ ibivume, ahantu hose aho nzobirukanira. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Nuko rero, uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, nti Ntimwanyumviye, ngo mutange umwidegemvyo, ng’ umuntu wese arekure mwene wabo, umuntu wese arekure mugenzi we: nuko rero nanje ntanze umwidegemvyo kuri mwebge, ni jewe Uhoraho mbivuze, w’inkota n’ikīza n’inzara; kandi nzotuma mutererekanywa irya n’ino mu bihugu vy’ abami bose bo mw isi.
Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ngo Nk’uk’ uburake bgiwe n’ubushangashirwe bgiwe vyasutswe ku baba i Yerusalemu, ni k’ubushangashirwe bgiwe buzosukwa kuri mwebge ni mwaja muri Egiputa; ngo Muzoba igitutsi n’ akajoreza n’ikivume n’iciro ry’ imigani: ngo Kandi ntimuzosubira kubona aha hantu.
Kandi nzofata amasigarira y’i Buyuda, aberekeje amaso kuja mu gihugu ca Egiputa ngo babeyo, bazotikizwa bose; kandi mur’ ico gihugu ca Egiputa nyene ni yo bazogwa. Bazoririkwa n’inkota n’inzara; kandi bazopfa, uhereye ku woroshe ugashitsa k’ūhambaye, bishwe n’ inkota n’inzara; kandi bazoba igitutsi n’akajoreza n’ibivume n’ iciro ry’imigani.