Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 24:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 mbere nzobatanga batererekanywe irya n’ino mu bihugu vy’abami bose bo mw isi, ngo mbagirire nabi; bazoba igitutsi n’iciro ry’imigani n’agatwengo n’ ibivume, ahantu hose aho nzobirukanira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 24:9
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

nuko nanje nzoherengeteza Abisirayeli mu gihugu nabahaye, kand’ iyi ngoro nejeje kubg’ izina ryanje nzoyishibura imve mu maso; kand’ Abisirayeli bazoba iciro ry’imigani n’agashinyaguro mu mahanga yose;


nuko nanje nzobarandura, mbakūre mu gihugu nabahaye, kand’ iyi ngoro nejeje kubg’ izina ryanje nzoyishibura imve mu maso, ndayigire iciro ry’imigani n’agashinyaguro mu mahanga yose;


Aho nagize amagunira kuba imyambaro yanje, Nabahindukiye iciro ry’imigani.


Ni co kizotuma ntētereza abakuru b’ahēra, kandi Yakobo nzomuhindura ikivume, na Isirayeli igitutsi.


Kand’ izina ryanyu muzorisigarana abo nitoranirije, barigire umuvumo, bat’ Urakicwa n’Uhoraho Imana! Maz’ abasavyi banje bazokwitwa irindi zina.


Kandi nzobagira akabarore mu bihugu vy’abami bose bo mw isi, kubga Manase mwene Hezekiya, umwami w’i Buyuda, kubg’ ivyo yakoreye i Yerusalemu.


Nzohindura iki gisagara akajoreza, n’ico kuvuzwakw agahwa; umuntu wese azohaca azojorerwa, avuze agahwa kubg’ ivyago vyaho vyose.


ni yo aya: Yerusalemu n’ibisagara vy’i Buyuda n’abami baho n’abaganwa baho, ngo hacike imisaka n’akajoreza n’aho kuvuzwakw agahwa n’ikivume, nk’uko nyene bimeze uyu musi;


ngo Ni ho azohindura iyi ngoro kuba nk’i Shilo, kandi n’iki gisagara ngw Azogihindura ikivume ku mahanga yose yo mw isi.


Nzobirukanisha inkota n’inzara n’ikīza, mbatange batererekanywe irya n’ino mu bihugu vy’abami bose bo mw isi, ngo babe ibivume n’akajoreza n’ abo kuvuzwakw agahwa n’igitutsi mu mahanga yose aho nabirukaniye;


kandi bazohinduka umuvumo wo kuvumana w’abambukanywe bose b’i Buyuda bar’ i Babuloni, ng’ Uhoraho arakakugira nka Zedekiya na Ahabu, abo umwami w’i Babuloni yataze ku muriro babona;


Nuko rero, uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, nti Ntimwanyumviye, ngo mutange umwidegemvyo, ng’ umuntu wese arekure mwene wabo, umuntu wese arekure mugenzi we: nuko rero nanje ntanze umwidegemvyo kuri mwebge, ni jewe Uhoraho mbivuze, w’inkota n’ikīza n’inzara; kandi nzotuma mutererekanywa irya n’ino mu bihugu vy’ abami bose bo mw isi.


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ngo Nk’uk’ uburake bgiwe n’ubushangashirwe bgiwe vyasutswe ku baba i Yerusalemu, ni k’ubushangashirwe bgiwe buzosukwa kuri mwebge ni mwaja muri Egiputa; ngo Muzoba igitutsi n’ akajoreza n’ikivume n’iciro ry’ imigani: ngo Kandi ntimuzosubira kubona aha hantu.


Kandi nzofata amasigarira y’i Buyuda, aberekeje amaso kuja mu gihugu ca Egiputa ngo babeyo, bazotikizwa bose; kandi mur’ ico gihugu ca Egiputa nyene ni yo bazogwa. Bazoririkwa n’inkota n’inzara; kandi bazopfa, uhereye ku woroshe ugashitsa k’ūhambaye, bishwe n’ inkota n’inzara; kandi bazoba igitutsi n’akajoreza n’ibivume n’ iciro ry’imigani.


Kuko nzohana ababa mu gihugu ca Egiputa nk’uko nahannye i Yerusalemu, mbahanishe inkota n’inzara n’ikīza,


Bigatuma Uhoraho atagishobora kuvyihanganira, kubg’ ibibi vy’ibikorwa vyanyu, no kubg’ ibizira vy’ ubuyobe mwakoze; ivyo ni vyo vyatumye igihugu canyu gihinduka imisaka n’akajoreza n’ikivume, ata wukikibamwo, nk’uko bimeze n’ uyu musi.


Kuk’ ukw ari k’Umwami Uhoraho agize, ati Nzobavyukiriza igitero, mbatange bateragiranwe hirya no hino kandi basahurwe.


ubarire ubgo bgoko bg’Abamoni, uti Ni mwumve ijambo ry’Umwami Uhoraho, ng’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ko wagize ngw Awa! ukītamba hejuru y’ahēra hanje igihe hāhumanywa, ukītamba no ku gihugu c’i Bgisirayeli mu gihe cāba amatongo, no ku b’inzu ya Yuda igihe bambukanwa ar’ inyagano;


riti Mwana w’umuntu, Tiro ko havuze hitamba kuri Yerusalemu ngw Awa! ngw Icār’ umwugariro w’amahanga kirahomvotse! ngo Biransenyukiyeko, ngiye gutunga, co ko gicitse imisaka;


nuko rero, uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, ati Rāba jewe ubganje nyene nzohigūra nawe: kandi nzocira amateka hagati muri wewe, amahanga abirorēra.


Uhoraho azotuma muneshwa n’abansi banyu: muzojana inzira imwe mubateye, mu kubahunga muce mu nzira ndwi; muzoba akūmiza mu bihugu vyose vyo mw isi.


Kandi mur’ ayo mahanga yose ah’ Uhoraho azoba yarabajanye, muzohahindukira akajoreza n’iciro ry’imigani n’agashinyaguro.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ