3 Maz’ Uhoraho arambaza, at’ Ubonye iki ga Yeremiya? Ndamwishura, nti Mbonye insukoni; inziza ni nziza cane, iziboze ziraboze cane, zitoshoboka kuribga kubgo kubora.
Maz’ ijambo ry’Uhoraho rinzako,
uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Rāba nzorungika inkota n’ inzara n’ikīza muri bo, mbahindure nk’insukoni ziteye ishishi, zidashoboka kuribga kubgo kubora.
Maz’ Uhoraho arambaza, at’ Ubonye iki ga Amosi? Nti Mbonye karisho. Nuk’ Umwami aravuga, ati Rāba, ngira ndekurire karisho hagati mu bantu banje b’Abisirayeli; kandi sinzosubira kwirengagiza ivyabo ukundi:
Maz’ arambaza, at’ Ubonye iki ga Amosi? Nti Mbonye igisimbo c’amatunda ahīshiye. Maz’ Uhoraho arambgira, at’ Amateka y’abantu banje b’Abisirayeli arahīshishijwe; kandi sinzosubira kwirengagiza ivyabo ukundi.
arambaza, at’ Ubona iki? Ndamwishura, nti Mbona igiterekwakw amatara, cose gicuzwe mw izahabu, umubehe waco ur’ ahahera hejuru, ushamitsekw amatara ndwi; kand’ ayo matara ari hejuru kuri wo, rimwe‐rimwe rifise umuheha, yose ukw ar’ indwi.
Arambaza, at’ Ubona iki? Ndamwishura, nti Mbona umuzingo w’igitabo uguruka: uburebure bgawo n’amatambge mirongwibiri y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgawo n’amatambge cumi.
(Kera mu Bisirayeli, umuntu iyo yagira ic’ aja gusiguza Imana, yavuga, ati Hogi tuje kwa kamenyi; kuk’ uwitwa ūvugishwa n’Imana ubu, kera yitwa kamenyi.)