Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 24:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Igisimbo kimwe carimw’ insukoni nziza cane, zimeze nk’insukoni z’isega: ikindi gisimbo carimw’ insukoni ziboze rwose, zitoshoboka kuribga kubgo kubora.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 24:2
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ico nari gukorera uruzabibu rwanje ntārukoreye n’igiki? Ko naziga ko ruzokwama inzabibu, n’iki catumye rwama ibijabija vy’inzabibu?


Kuk’ uruzabibu rw’Uhoraho Nyen’ ingabo ari rwo nzu ya Isirayeli, kand’ abagabo b’i Buyuda ari bo muzabibu wamuhimbara; kandi yabazigamw’ imanza zibereye arikw abasangamw’ uguhahaza: yabazigamw’ ubugororotsi arikw abasangamw’ amaborogo.


uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Rāba nzorungika inkota n’ inzara n’ikīza muri bo, mbahindure nk’insukoni ziteye ishishi, zidashoboka kuribga kubgo kubora.


Igihe nabona Abisirayeli, bari bameze nk’inzabibu ziri mu bugaragwa; ba sogokuruza nababonye bameze nk’insukoni z’isega zo ku musukoni ugitangura kwama: ariko bāgiye kuri Bayali y’i Peyori, bīyegurira ako gatētereza, bahinduka umuziro nk’ico nyene bakunze.


Mbonye ibara! Kuko mmeze nk’igihe c’iyerūra ry’amatunda yo mu ci, nk’uduhūmbga two mu ruzabibu: ata n’agahando ko kurya; umutima wanje wifuza agasukoni k’isega.


Amaboma yawe yose azoba nk’ibiti vy’imisukoni, birikw insukoni z’isega: iyo binyiganyigijwe zigahungurukira mu kanwa k’ umuryi.


Ivy’ amasega vyose bizokwera mu gihugu cabo bazonzanira, jewe Uhoraho, bizoba ivyawe: ūdahumanye wese wo mu b’inzu yawe yemererwa kubiryako.


Mur’ umunyu w’isi. Arik’ umunyu, iy’ ushize uburyohe, uba ukiryoshwa n’iki? Nta co uba ukimaze atar’ ugutabga hanze ugakandagirwa n’abantu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ