Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 24:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Uhoraho aranyereka, mbona ibisimbo bibiri vy’insukoni biteretse imbere y’urusengero rw’ Uhoraho, igihe Nebukadineza umwami w’i Babuloni yar’ amaze kujana Yekoniya mwene Yehoyakimu, umwami w’i Buyuda, kw inyagano, bo n’abaganwa b’i Buyuda n’ababāji n’abacuzi, abakūra i Yerusalemu abashikana i Babuloni.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 24:1
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ico gihe ingabo za Nebukadineza umwami w’i Babuloni ziradūga, zitera i Yerusalemu, bugariza ico gisagara.


Ku gacikamvura umwami Nebukadineza aratuma ngo bamuzane i Babuloni, bo n’ibintu vyiza‐vyiza vyo mu ngoro y’Uhoraho; yimika mukuru we Zedekiya ngw abe umwami w’i Buyuda n’i Yerusalemu.


Imbūri yo kuri Babuloni, iyo Yesaya mwene Amosi yeretswe.


Ibisagara vy’i bumanuko birugarijwe, nta wugicārūka: Abayuda bajanywe kw inyagano bose, ntihasigara n’uwa kirazira.


ivyo Nebukadineza umwami w’i Babuloni atātwaye, igihe yajana Yekoniya mwene Yehoyakimu umwami w’i Buyuda ar’ inyagano, amukūye i Yerusalemu amujanye i Babuloni, bo n’abaganwa bose b’i Buyuda n’i Yerusalemu;


kandi nzogarukana aha hantu Yekoniya mwene Yehoyakimu umwami w’i Buyuda, bo n’abānyazwe bose b’i Buyuda bāgiye i Babuloni, ni k’Uhoraho agize, kuko nzovuna ingōgo mwambitswe n’umwami w’i Babuloni.


Aya ni yo majambo y’icete ūvugishwa n’Imana Yeremiya yarungitse ar’ i Yerusalemu, akirungikira abāsigaye b’abashingantahe mu bambukanywe, n’ abaherezi n’abavugishwa n’abantu bose Nebukadineza yambukanye abakūye i Yerusalemu abajana i Babuloni.


Ico gihe umwami Yekoniya n’umugabekazi n’abantu b’inkone n’abaganwa b’i Buyuda n’i Yerusalemu n’ababāji n’abacuzi, bāri bamaze kuvanwa i Yerusalemu.


Zedekiya mwene Yosiya aja ku ngoma mu gishingo ca Koniya mwene Yehoyakimu, Nebukadineza umwami w’i Babuloni ari we amwimitse mu gihugu c’i Buyuda.


mber’ ikinusakw agatwetwe ko mu bushorishori, ikajana mu gihugu c’ ubudandaza, ikarambika mu gisagara c’abahanjuzi.


Bayishikana mu mpatane bayikwegesheje ingōgo z’ivyuma, bayishīra umwami w’i Babuloni; bayishira mu maboma, kugira ngw ijwi ryayo ntirize risubire kwumvikana ku misozi y’i Bgisirayeli.


Ereg’ Umwami Uhoraho ntazogira ico akora, atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha.


Ibi ni vyo Umwami Uhoraho yanyeretse: ehe rāba, yarikw arazana inzige, ibirīra bigitanguye kumera; kand’ ivyo birīra n’ivyāmeze ah’ umwami ahejeje gutemesha.


Ibi ni vyo Umwami Uhoraho yanyeretse: ehe rāba, Umwami Uhoraho yahamagaye umuriro ngw awucishe amateka; ufyeta i bgina hahambaye, kandi wagira utōngōre n’igihugu.


Ibi ni vyo yanyeretse: ehe rāba, Umwami Imana yar’ ahagaze i ruhande y’uruzitiro rw’ amabuye rwubakishijwe karisho, afise karisho mu ntoke.


Maz’ anyereka Yosuwa umuherezi mukuru ahagaze imbere y’umumarayika w’Uhoraho, na Satani ahagaze i buryo bgiwe ngw amurege.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ