ariko bazorahira uguhoraho kwanje jewe Uhoraho ko nakūye Abisirayeli mu gihugu c’i burārūko, no mu bihugu vyose aho nzoba narabirukaniye: kandi nzobagarukana mu gihugu cabo nahaye ba sekuruza.
Kukw imisi izoza, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzotuma abantu banje b’Abisirayeli n’Abayuda bahindukira, bave mu ngoyi zabo, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi nzotuma bagaruka mu gihugu nahaye ba sekuruza, baciganzire.
Kur’ uwo musi bazoza kuri wewe bavuye muri Ashuri no mu bisagara vyo muri Egiputa, uhereye muri Egiputa ugashitsa kuri rwa Ruzi, uhereye ku kiyaga ugashitsa ku kindi, uhereye ku musozi ugashitsa ku wundi.