Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 23:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 None rero, uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ku vyo ageneye abungere baragira abantu biwe: ati Mwashwiragije umukuku wanje, murawirukana, ntimwawurāba; nuko rero nanje nzobāzira, mbazanekw ivyago bihwanye n’ ukugira nabi kwanyu, ni jewe Uhoraho mbivuze.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 23:2
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ūrusha abandi kumera neza ameze nk’umukere, kand’ ūbaye ūrusha abandi kugororoka n’insobane kurusha uruzitiro rw’amahwa: umusi wavuzwe n’abashibamyi bawe urashitse, ari wo wo guhanwa kwawe; kandi muzogwa mu gahundwe.


Ewe nzu ya Dawidi, uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni muce imanza ziroranye uko bukeye, mukize ūnyazwe mumukūre mu kuboko kw’ūmuhahaza, uburake bganje bgoye kurabagiza nk’umuriro, bukarurumba ntihagire ūshobora kubuzimya, kubg’ ibibi mukora.


None genda, ujane abo bantu ha hantu nakubarira; kand’ ehe rāba, umumarayika wanje azokuja imbere: yamara ku musi wo guhōra, nzobasubiriza mu nkōko ico caha cabo.


Kandi kamenyi cank’ umuherezi cank’ uwo mu bantu ni hagira ūpfa kuvuga ivy’ imbūri yanje jewe Uhoraho, uwo muntu nzomuhana, bo n’abo mu nzu yiwe.


Idini itunganye itagira agasembga imbere y’Imana Data wa twese, n’ukurāba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo, no kwirinda ngo ntiwanduzwe n’ivy’ isi.


nar’ ingenzi, ntimwampa indāro; nagenda gusa, ntimwanyambika; nari ndwaye, nari mw ibohero, ntimwaza kundāba.


Nzomuhōra imisi yamaze yosereza za Bayali imibavu, yisakaye impeta n’utugenegene, agakurikira abūzure biwe, nanje jeho akanyibagira, ni k’Uhoraho agize.


Abo wironkeyekw abagenzi ni yabashira hejuru yawe ngo bakuganze, uzovuga iki, kand’ ari wewe wabiyigishirije? Mbeg’ umubabaro ntuzogufata nk’uw’ umugore ari ku nda?


uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize rero, at’ Ehe nzobāzira: imisore yabo izokwicwa n’inkota; abahungu babo n’abakobga babo bazokwicwa n’inzara;


Mbega har’ isoni bāgize, bamaze gukora ibizira? Eka nta dusoni na mba, nta n’ukumāramāra. Ni co gituma bazotembana n’abari ku mutembo; igihe nzobazira bazogwaho, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Mbeg’ ivyo ntibizotuma nisidukira? ni jewe Uhoraho mbibajije; mbeg’ umutima wanje ntuzohōra ubgoko bumeze burtyo?


Mbeg’ ivyo ntibizotuma nisidukira? ni k’Uhoraho abaza; mbeg’ ivyo umutima wanje ntuzobihōra ubgoko bumeze burtyo?


nagenda gusa, muranyambika; nari ndwaye, muza kurāba uko mmeze; nari mw ibohero, muza kundāba.


Kukw abungere bācitse ibiyingiyingi, ntibagīsha Uhoraho inama: ni co cababujije kumererwa neza, kand’ imikuku yabo yose yarasābagiye.


Ariko ni mwanka kuvyumva, umutima wanje uzoririra mu mpisho, urizwe n’ubgibone bganyu; amaso yanje azorira cane, acundugute amosozi, kuk’ umukuku w’intama z’Uhoraho unyazwe.


Ni wunamure amaso, urābe abaje baturutse i burārūko: mbeg’ umukuku wahawe uri hehe, wa mukuku wawe mwiza?


Bigatuma Uhoraho atagishobora kuvyihanganira, kubg’ ibibi vy’ibikorwa vyanyu, no kubg’ ibizira vy’ ubuyobe mwakoze; ivyo ni vyo vyatumye igihugu canyu gihinduka imisaka n’akajoreza n’ikivume, ata wukikibamwo, nk’uko bimeze n’ uyu musi.


Nuko zirasābagira kukw ata mwungere; zihinduka ivyo kurya vy’ibikōko vyose vyo mw ishamba, zirasābagira.


Kuko rāba, nzohagurutsa umwungere mu gihugu, atazobabara izizimiye, kandi ntazorondera izāsābagiye, n’ izivunitse ntazozunga, canke ngw aragire izigihagaze; arikw azorya inyama z’izivyibushe, mber’ azoguguna n’inzāra zazo.


Ni jewe Uhoraho nsesa umutima, nkagerageza umushaha, kugira ngo ngerere umuntu wese ibikwiranye n’ingeso ziwe, n’ibikwiranye n’ivy’ ibikorwa vyiwe vyeze.


Uburake bganje buziriringiye abungere, kandi nzohana impfizi z’impene: kuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo aje kugendera umukuku wiwe, ni wo nzu ya Yuda, kand’ azobahindura nk’ifarasi yiwe nziza yo mu ntambara.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ