Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 22:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Maze bazobishura, bati Ni kuko bātaye isezerano bāsezeranye n’Uhoraho Imana yabo, bagasenga izindi mana bakazisaba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 22:9
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

kand’ iyi ngoro nah’ ar’ agahambaye irtya, ūzoyica i ruhande wese azokwumirwa, avuze agahwa, at’ Ariko n’iki catumye Uhoraho agirira artya iki gihugu n’iyi ngoro?


muti Kuko bāmuvuyeko, bakosereza imibavu izindi mana, muti Bakamutēza umwikomo ibikorwa vyose vy’intoke zabo; muti Ni co kizotuma uburake bgiwe bururumba kur’ aha hantu, ntihagire ikibuzimya.


muti Kuko bāmuvuyeko, bakosereza imibavu izindi mana, muti Bakamutēza umwikomo ibikorwa vyose vy’intoke zabo; muti Ni co kizotuma uburake bgiwe busukwa aha hantu, ntihagire ikibuzimya.


Bahindukiriye ibigabitanyo vya ba sekuruza bāhora banka kwumva amajambo yanje; bakurikiye izindi mana ngw abe ari zo basaba: ab’ inzu ya Isirayeli n’ab’ inzu ya Yuda bishe isezerano ryanje nasezeranye na ba sekuruza.


ubabgire, ut’ Uku ni k’Uhoraho Imana y’Abisirayeli agize, at’ Aravumwe umugabo atumva amajambo y’iri sezerano,


Uz’ uce ubabgira, uti N’uko ba sogokuruza banyu bāmutaye, ni k’Uhoraho agize, bakagendanira izindi mana, bakazisaba bakazisenga, na we bakamuta, ntibitondere ivyagezwe vyiwe;


Abābabonye bose bāgiye babatsontsomera; abarwanizi babo bāvuze, bati Nta caha dukoze, kuko bācumuye k’Uhoraho, ari we i wabo w’ubugororotsi, k’Uhoraho, ari we vyizigiro vya ba sekuruza.


Maz’ Uhoraho aravuga, ati Ko bātaye ivyagezwe vyanje nabashize imbere, ntibanyumvire, canke ngo babigenderemwo,


Ariko nzosiga bake muri bo mbakize inkota n’inzara n’ikīza, kugira ngo baze bāturire ibizira bākoze vyose mu mahanga aho bazoba bāraroye; kandi bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


Nuko bazobamara umwikomo, ni mwabona ingeso zabo n’ibikorwa vyabo; ni ho muzomenya yukw ivyo nahakoreye vyose ntabitewe n’ubusa, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Kand’ amahanga azomenya yukw ab’ inzu ya Isirayeli bājanywekw inyagano bahōwe ibigabitanyo vyabo; kuko bāncumuyeko, bigatuma mbahisha mu nyonga hanje; nuko rero nabagabuye mu maboko y’ abarwanizi babo, bose baririkwa n’inkota.


Maz’ uzoba igitutsi n’agatwengo n’akabarore n’akajoreza mu mahanga agukikije, ni nagucirakw iteka mfise uburake n’ubushangashirwe, nguhambariranye ishavu: ni jewe Uhoraho mbivuze;


bazobaza, mbere n’amahanga yose azobaza, bati Mbega n’iki cateye Uhoraho kugirira ico gihugu artyo? ubgo burake bg’inkazi bururumba bgavuye ku ki?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ