Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 22:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Kand’ amahanga menshi azoca i ruhande y’iki gisagara, bazobazanya, bati N’iki catumye Uhoraho agirira artyo iki gisagara gihambaye?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 22:8
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze ni wamenyesha ubu bgoko ayo majambo yose, bazokubaza, bati N’iki gitumye Uhoraho atugenera ivyo vyago vyose bikomeye birtyo? Mbeg’ ukugabitanya kwacu n’iki? Cank’ icaha twakoze k’Uhoraho Imana yacu n’iki?


Nuk’ uwo mukuru w’abashibamyi akūramwo Yeremiya, aramubarira, at’ Uhoraho Imana yawe yari yarageneye ivyago aha hantu:


kand’ Uhoraho arabishikanye, agize nk’ uko yavuze; ko mwacumuye k’ Uhoraho, ntimumwumvire, ivyo ni vyo vyatumye ivyo bibashikako.


Abami bo mw isi, bo n’ababa kw isi bose, nta ho bokwemeye Kw abarwanizi n’abansi bofyutse mu marembo y’i Yerusalemu.


Ariko nzosiga bake muri bo mbakize inkota n’inzara n’ikīza, kugira ngo baze bāturire ibizira bākoze vyose mu mahanga aho bazoba bāraroye; kandi bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


Nuko bazobamara umwikomo, ni mwabona ingeso zabo n’ibikorwa vyabo; ni ho muzomenya yukw ivyo nahakoreye vyose ntabitewe n’ubusa, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Kand’ amahanga azomenya yukw ab’ inzu ya Isirayeli bājanywekw inyagano bahōwe ibigabitanyo vyabo; kuko bāncumuyeko, bigatuma mbahisha mu nyonga hanje; nuko rero nabagabuye mu maboko y’ abarwanizi babo, bose baririkwa n’inkota.


Maz’ uzoba igitutsi n’agatwengo n’akabarore n’akajoreza mu mahanga agukikije, ni nagucirakw iteka mfise uburake n’ubushangashirwe, nguhambariranye ishavu: ni jewe Uhoraho mbivuze;


Bgirukiro, ukugororoka n’ukwawe, ariko tweho mu maso hacu hasigaye hamāramāzwa n’isoni, nk’uko bimeze mur’ iyi misi ku bagabo b’i Buyuda, no ku baba i Yerusalemu, no ku Bisirayeli bose, abari hafi n’abari kure, basanzaye mu bihugu vyose wabirukaniyemwo, kuko bagusohoye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ