Yeremiya 22:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)6 Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, ku vy’ingoro y’umwami w’i Buyuda, ati War’ umbereye nka Gileyadi, canke nk’ agatwe ka Lebanoni: n’ukuri nzoguhindura ubugaragwa, ube nk’ ibisagara bitakirimw’ umuntu. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Watumye abantu bawe kuntuka, jewe Umwami Imana, uravuga, ng’ Udūganye igitero cinshi c’imikogote yawe y’intambara, ushitse mu mpinga z’imisozi, no mu dushōka tw’i Lebanoni; ngo Wiciye ibiti vy’amasederi vyaho birebire, n’ivy’ akajwari vyaho vyiza‐vyiza; ngo Wahanyuragiye ushika ku mpinga yaho hirya cane, no mu biti vyo mw itongo ryaho rimera cane.
bati Mika w’i Moresheti yavugishwa n’Imana ku ngoma ya Hezekiya umwami w’i Buyuda; kandi yabariye abantu bose b’i Buyuda, at’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Siyoni hazosīzwa hahinduke nk’ubusīze, Yerusalemu hazohinduka ibirundo vy’ amasakamburira, n’umurwa wubatswekw iyi ngoro uzohinduka nk’ikibira kiri ku mpinga z’imisozi.