Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 22:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Ariko ni mwanka kwumva ayo majambo, iyi ngoro izocika umusaka, ndirahiye ubganje, ni jewe Uhoraho mbivuze.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 22:5
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ati Ndirahiye, ni k’Uhoraho agize, k’ukoze ivyo, ntunyime umwana wawe, kand’ ar’ ikinege,


Ariko ni mwanta, ntimwitondere ivyagezwe vyanje n’amabgirizwa yanje nabashize imbere, mukaja gusaba izindi mana, mukaba ari zo musenga,


kand’ iyi ngoro, nah’ ar’ agahambaye irtya, ūzoyica i ruhande wese azokwumirwa, avuge, at’ Ariko n’iki catumye Uhoraho agirira artya iki gihugu n’iyi ngoro?


Bazomwishura, bati N’ uko bahevye Uhoraho Imana ya ba sekuruza, yabakūye mu gihugu ca Egiputa, bakaramatana n’izindi mana, bakazisenga, bakaba ari zo basaba; ni co catumye abatēza ivyo vyago vyose.


Ni co catumye ndahirana uburake, Nti Ntibazoshika mu buruhukiro bganje.


Na ho ni mwanka mukagarariza, inkota izobarya: kukw akanwa kanje Uhoraho ari ko kabivuze.


Nahevye inzu yanje, nataye ishamvu yanje; narekuriye inkundwakazi y’umutima wanje mu maboko y’abansi.


Ariko ni mutanyumvira ngo muziririze umusi w’isabato, ngo mwoye kugira ico mwiremēka mugicana mu birimba vy’i Yerusalemu ku musi w’isabato, nuko nzodomeka umuriro mu birimba vyaho, uzotongora ingoro z’i Yerusalemu, kandi ntibazoruha bawuzimya.


Kand’ ubabarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni mwanka kumutega amatwi, ngo mugendere mu vyagezwe vyiwe yabashize imbere,


Abakaludaya banda umuriro ingoro y’umwami n’ amazu y’abantu, basangangura n’ inzitiro zikikije i Yerusalemu.


Nuko rero ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge mwese Abayuda muri mu gihugu ca Egiputa: at’ Ehe rāba, ndahiye izina ryanje rihambaye, ni jewe Uhoraho mbivuze, yukw izina ryanje ritazosubira kuvugwa n’akanwa k’umuntu n’umwe wo mu Bayuda bari mu gihugu cose ca Egiputa, ngo bavuge bati Nk’ uk’ Umwami Uhoraho ahoraho.


ni k’Uhoraho Imana Nyen’ ingabo agize. Umwami Uhoraho arirahiye, ati Nanka urunuka ubgibone bg’aba Yakobo, nzinutswe n’ingoro zabo; ni co gituma nzogabura igisagara n’ibirimwo vyose.


Nuko ni co gituma Siyoni hazohinduka ubusīze kubganyu, n’i Yerusalemu hahinduke ibirundo vy’amasakamburira, n’umurwa wubatswekw iyi ngoro uhinduke nk’ ikibira kiri ku mpinga y’umusozi.


Rāba inzu yanyu muyitānywe ar’ umusaka.


Ni ba nde yarahiye ko batazoshika mu buruhukiro bgayo? S’abatāyumviye?


Hamwe Imana yasezeranira Aburahamu isezerano, kukw ata we yogira indahiro ayiruta, yarīrahiye,


Ni co catumye Imana, kukw igomba kurushiriza kwereka abaragwa b’ivyasezeranywe ingen’ imigabo yayo idahinduka, ishira hagati indahiro kuba umuhūza;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ