Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 22:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni muce imanza ziroranye n’izigororotse, mukize ūnyazwe, mumukūre mu kuboko kw’ ūmuhahaza; ntimugirire nabi canke ngo muhahaze ingenzi n’ impfuvyi n’umupfakazi, canke ngo muvishirize aha hantu amaraso y’ abatācumuye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 22:3
49 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Imana y’Abisirayeli yaravuze, Igitandara c’Abisirayeli yarambgiye, It’ Ūganza abantu mu bugororotsi, Agatwara yubaha Imana,


n’amaraso y’aberanda yavishije; kuko yujuje i Yerusalemu amaraso y’aberanda; nukw ivyo Uhoraho ntiyemera kubiharira.


Wirukanye abapfakazi bagenda imvumure, N’amaboko y’impfuvyi aravunagurwa.


Har’ abashikura impfuvyi ibere, Bakāka ingwati aboro,


Imana ir’ ahayo hēra Ni se w’impfuvyi, n’umucamanza ahagarikira abapfakazi.


Mutabare umugoyigoyi n’ umukene, Mubakūre mu maboko y’abanyakibi.


Bakoranira hamwe gutera ubugingo bg’umugororotsi, Bagatsindisha amaraso adafise igicumuro.


Bica umupfakazi n’inyambukīra, Bica n’impfuvyi.


Umunyamahanga ntimuze mumugirire nabi, canke ngo mumuhahaze, kuko namwe mwar’ abanyamahanga mu gihugu ca Egiputa.


Ntihaze hagire umupfakazi cank’ impfuvyi mucuranguza.


Ntugashingūre akarimbi k’ urubibe rwa kera, Kandi ntukarye amatongo y’ impfuvyi;


Amaso y’ubgibone n’ururimi rw’ibinyoma, N’amaboko avisha amaraso y’ aberanda;


Abakuru bawe n’abagarariji, n’abagenzi b’ibisuma; umuntu wese muri bo akunda ingurire, akurikira guhongerwa; ntibacira urubanza impfuvyi, kand’ imanza z’abapfakazi ntizigera aho bari.


Mbeg’ uku si kwo kwisonzesha nshima? S’ukubohora abantu ingoyi z’ukugiriranira nabi, no guhamburura imigozi abatwazwa igitugu, no kurekura impahazwa ngo zīdegemvye, mukavuna ivy’ ugutwaza igitugu vyose?


Mbega s’ugutanga ivyo kurya vyawe ukagaburira abashonje, ukazana aboro birukanywe ukabashira mu nzu yawe? Wabona ūgenda gusa ukamwambika, ntiwirengagize mwene wanyu?


Kuko bāntaye, bagahumanya aha hantu, bakahoserereza imibavu izindi mana batigeze kumenya, bo na ba sekuruza n’abami b’i Buyuda; bakuzuza aha hantu ibitenga vy’ amaraso y’abatācumuye;


Ewe nzu ya Dawidi, uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni muce imanza ziroranye uko bukeye, mukize ūnyazwe mumukūre mu kuboko kw’ūmuhahaza, uburake bganje bgoye kurabagiza nk’umuriro, bukarurumba ntihagire ūshobora kubuzimya, kubg’ ibibi mukora.


Ariko weho amaso yawe n’umutima wawe nta handi bitumbereye atar’ ukwifuza inyungu mbi, no kuvisha amaraso y’abatācumuye, no guhahaza, n’umuryano.


Maz’ abaganwa n’abantu bose babarira abaherezi n’abo ba kamenyi, bat’ Uyu muntu ntakwiye gupfa, kukw atubariye mw izina ry’Uhoraho Imana yacu.


Bacitse ibisēme, barayagayaga; bakora ibibi vy’akarenzarugero: ntibabūrana impfuvyi mu manza ngo zibone kuroranirwa; kand’ urubanza rw’aboro ntibaruca.


arikw ijambo nabageze ryar’ iri: nababgiye, nti Ni mwumvire ijwi ryanje, maze nanje nzoba Imana yanyu, namwe muzoba abantu banje; mugendere mu vyo mbagera vyose, kugira ngo bibagendere neza.


arik’ uwirata, ni yirate ibi, ko yammenye, akantahura, yuko nd’ Uhoraho nkunda kugira imbabazi no guca iziroranye n’izigororotse mw isi: kukw ivyo ari vyo bimpimbara, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Canke kurya urubanza rw’ umuntu, Umwami Imana ntabishima.


akagunga impahazwa n’umukene, akanyaga ku gahahazo, akima ingwati nyeneyo, akunamurira amaso ibigirwamana, kand’ agakora ibizira,


atāgize uwo agunga, arikw akaba yarashubije ingwati nyeneyo; atāgize uwo anyaga ku gahahazo, arikw akaba yaragaburiye ūshonje, akambika impuzu uwambaye ubusa;


Ababa muri wewe bakēngēra ba se na ba nyina; muri wewe ni ho bahahariza umuntu w’akavantara; muri wewe ni ho barīra impfuvyi n’ abapfakazi.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Birahāgije, yemwe ba segaba b’Abisirayeli: ni mureke umuryano no kunyaga, ni muce imanza zibereye n’iziroranye; mukūre ku bantu banje akadenderezo mubadendereza, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Egiputa hazocika amatongo, na Edomu hazohinduka ubugaragwa bg’uruharabuga, bazize inabi bagiriye Abayuda, kuko mu bihugu vyabo bahavishirije amaraso y’abatācumuye.


Ntimuze mucishe urubanza aho rutari; ntimuze muce urwa nkunzi mubitewe no kugirira impuhwe umworo, canke no gutinya ūhambaye; ariko muze mucire bagenzi banyu imanza ziroranye.


Mwanke ibibi, mukunde ivyiza, mukomeze imanza zibereye mw ishikiro ry’igisagara: kumbure Uhoraho Imana Nyen’ ingabo azohangaza amasigarira ya Yosefu.


Arikw imanza ziroranye, reka zisendanishe nk’amazi, n’ukugororoka gusendanishe nk’ uruzi rudahōka.


Abakuru baho baca imanza kubg’ ingurire, n’abaherezi baho bigishiriza ingero, n’abavugishwa baho baragurira kubona ingemu: yamara bisunga Uhoraho, bakavuga, bati Mbeg’ Uhoraho ntari muri twebge? bat’ Erega nta cago kizodushikako.


Ko yakweretse iciza ic’ ari co, ga yewe muntu: mbega har’ ikindi Uhoraho akugombako, atar’ ugukora ibiroranye, no gukunda kugira imbabazi, no kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi?


Kandi nzobēgēra nce amateka; nzokwihutira kwagiriza abarozi, n’abasambanyi, n’abarahira ibinyoma, n’ abagunga umucangero ingero yiwe, n’abanyikiza umupfakazi n’impfuvyi, bakagirira nabi inyambukīra, nanje ntibanyubahe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, mutanga ikigiracumi c’imbgija na anisi na kumino, ariko mwaretse ibihambaye vyo mu mabgirizwa, guca izibereye, n’imbabazi, n’ukwizera; arikw ivyo mwari mukwiye kubikora, vya bindi na vyo ntimubireke.


Icira imanza impfuvyi n’abapfakazi, ikunda inyambukīra, ikayigaburira, ikayambika.


Ntihaze hagire ūgoreka urubanza rw’umunyamahanga, cank’ urw’ impfuvyi; canke ngo hagire uwaka umupfakazi impuzu yiwe kw ingwati:


Ni hagira uwiba umuntu w’i wabo w’Umwisirayeli, akamujana, akamugira umuja cank’ akamushōra, bakamumufatana; uwo musuma aze yicwe: ukw az’ abe ari ko mukūra ikibi hagati muri mwebge.


Ni hagira abantu bari n’ico bapfa, bakaja kubūrana, bakabacira urubanza, haze hatsinde ūrufise, hatsindwe uwakoze nabi;


Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūgoreka urubanza rw’inyambukīra, canke rw’impfuvyi canke rw’umupfakazi. Abantu bose bitabirize, bati Amen.


Idini itunganye itagira agasembga imbere y’Imana Data wa twese, n’ukurāba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo, no kwirinda ngo ntiwanduzwe n’ivy’ isi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ