Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 22:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 uti Ni wumve ijambo ry’ Uhoraho, yewe mwami w’i Buyuda, uri ku ngoma ya Dawidi, wewe n’abasavyi bawe, n’abaca mur’ aya marembo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 22:2
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mikaya arongera, ati None rero ni wumve ijambo ry’Uhoraho: mbonye Uhoraho avyagiye ku ntebe yiwe, ingabo zose zo mw ijuru zimuhagaze i buryo n’i bumoso.


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge abaganza i Sodomu; mutegere amatwi ivyagezwe vy’Imana yacu, mwa bantu b’i Gomora.


Nuko rero ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwa bacokoranyi mwe, baganza ubu bgoko bur’ i Yerusalemu!


Ukugwira kw’ubutware bgiwe n’amahoro ntibizogira iherezo, ku ngoma ya Dawidi no ku bgami bgiwe, bibukomeze, bibushigikize guca imanza zibereye n’ukugororoka, uhereye none ugashitsa ibihe vyose. Umwete w’Uhoraho Nyen’ ingabo uzoshitsa ivyo.


Barira umwami n’umugabekazi, uti Ni mwicishe bugufi, mwicare hasi, kukw ibitsibo vyanyu bishajije mwambaye mu mutwe biriko birakoroka.


uti Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge bami b’i Buyuda, namwe ababa i Yerusalemu; uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Ehe nzozana ivyago aha hantu, kand’ ūzovyumva wese iminzerere izomuvuga mu matwi.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Manuka uje ku ngoro y’ umwami w’i Buyuda, uhavugire iri jambo,


Kuko ni mwagenza murtyo koko, ni ho mu birimba vy’iki gisagara hazoca abami uko bakūranwa ku ngoma ya Dawidi, bagendera mu mikogote no ku mafarasi, umwami wese n’ abasavyi biwe n’abantu biwe.


None rero ni mwumve ijambo ryanje, jewe Uhoraho, mwebge mwese abambukanywe, abo narungitse ngo muve i Yerusalemu muje i Babuloni.


rit’ Uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Genda ubarire Zedekiya umwami w’i Buyuda, umubgire, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngw Eh’ azotanga iki gisagara mu kuboko kw’ umwami w’i Babuloni, na we azogitongoza umuriro:


Nuko rero, uku ni k’Uhoraho agize, ku vya Yehoyakimu umwami w’i Buyuda, ati Ntazokwigera agira n’umwe wo gusubira ku ngoma ya Dawidi; umuvyimba wiwe uzotererwa hanze ng’ ube mu ndugumba yo ku murango no mu gikonyozi co mw ijoro.


riti Hagarara mu kirimba kirora ku ngoro y’Uhoraho, uhatāngārize iri jambo, uti Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge mwese b’i Buyuda, abaca mur’ ibi birimba ngo musenge Uhoraho.


Nuko rero, ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe mwa bungere:


Nuko rero nawe nyene ni wumve ijambo ry’Uhoraho: k’uvuze ngo singire ico mvugishwa ku Bisirayeli, canke ngo singire ijambo nzana ku nzu ya Isaka:


Azoba mukuru, azokwitwa Umwana w’Īsumba vyose, kand’ Umwami Imana azomuha intebe y’ubgami ya sekuruza Dawidi,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ