1 Uku ni k’Uhoraho agize, ati Manuka uje ku ngoro y’ umwami w’i Buyuda, uhavugire iri jambo,
Bukeye Uhoraho atuma Natani kuri Dawidi; araza, aramubarira, ati Hār’ abantu babiri bāba mu gisagara kimwe, umwe w’umutunzi, uwundi w’umworo.
Maz’ Uhoraho abūrira Manase n’abantu biwe, ariko ntibābibabara.
Kandi ku vy’inzu y’umwami w’i Buyuda, ni mwumve ijambo ry’ Uhoraho:
Nzobahana nk’ukw ibikorwa vyanyu vyamuje, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi nzodomeka umuriro mu kibira caho uzotongora ibiri hirya no hino yaho vyose.
uti Ni wumve ijambo ry’ Uhoraho, yewe mwami w’i Buyuda, uri ku ngoma ya Dawidi, wewe n’abasavyi bawe, n’abaca mur’ aya marembo.
rit’ Uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Genda ubarire Zedekiya umwami w’i Buyuda, umubgire, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngw Eh’ azotanga iki gisagara mu kuboko kw’ umwami w’i Babuloni, na we azogitongoza umuriro:
Ni mwumve ibi, yemwe baherezi, kandi mwumvirize namwe ab’ inzu ya Isirayeli, mutege amatwi yemwe ab’ inzu y’umwami, kuk’ urubanza ari mwebge rutsinze; kuko mwabereye i Misipa umutego, mukabera i Tabora ururiba rutezwe.
ariko ntusubire kuvugishirizwa i Beteli ukundi, kukw ari ho har’ ikigabiro c’umwami, bo n’ihorezo ry’igihugu.
Kandi Yohana yari yarabgiye Herode, ati N’ikizira k’ufise muka mwene so.