Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 21:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ūguma mur’ iki gisagara azokwicwa n’inkota n’inzara n’ikīza: arik’ ūsokoroka muri co, akīsaba Abakaludaya babugarije, azobaho, kand’ azoba akijije amagara yiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 21:9
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Iyo bisonzesha sinzoruha numva ugutakamba kwabo; iyo bosa ikimazi, bazanye n’ishikanwa ry’ifu, sinzobākīrira: ariko nzobaranduza inkota n’inzara n’ikīza.


Kandi hanyuma y’ivyo, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzogabura Zedekiya umwami w’Abayuda, n’ abasavyi biwe, n’abantu bazoba bagisigaye mur’ iki gisagara, batishwe n’ikīza n’inkota n’inzara, mbashire mu kuboko kwa Nebukadineza umwami w’i Babuloni, no mu maboko y’abansi babo, no mu maboko y’abarondera kubica: azobicisha ubugi bg’inkota; ntazobagirira impuhwe cank’ akagongwe cank’ imbabazi.


Kandi nzorungika inkota n’inzara n’ikīza muri bo, gushitsa aho bazoba baherengeteye mu gihugu nabahānye na ba sekuruza.


Arikw ihanga rizogondera izosi umwami w’i Babuloni, rikamusaba, iryo nzoryemerera kuguma mu gihugu cabo bgite, ni jewe Uhoraho mbivuze; bazokirima, bakibemwo.


Nuko mbarira Zedekiya umwami w’i Buyuda nk’ukw ayo majambo yose ameze, nti Ni mugondere izosi ingōgo y’umwami w’i Babuloni, mumusabe, musabe n’abantu biwe, mubone kubaho.


Mugombera iki gupfa, wewe n’abantu bawe, ngo mwicishwe inkota n’inzara n’ikīza, nk’uk’ Uhoraho yavuze kw ihanga ritazokwemera gusaba umwami w’i Babuloni?


ng’ Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Ūguma mur’ iki gisagara azokwicwa n’inkota n’inzara n’ ikīza: arik’ ūsokoroka muri co, akaja ku Bakaludaya, azobaho, kand’ azoba akijije amagara yiwe, abeho.


At’ Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Iki gisagara ntikizobura gutangwa mu maboko y’ ingabo z’umwami w’i Babuloni, na we azogitsinda.


Kuko ntazobura kugukiza; ntuzokwicwa n’inkota, arikw amagara yawe uzoba uyakijije, kuko wanyizigiye, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ngo Mbega nawe wironderera ubukuru? Ntuburondere. Kuko rāba, ngw Azozana ivyago ku bafise umubiri bose, ni k’Uhoraho agize; ariko weho ngw Azoguha gukirira ah’ uzoba ugiye hose.


Ikigira gatatu cawe kizokwicwa n’ikīza, na kigoyi kizobamarira hagati muri wewe; ikindi kigira gatatu kizoririkirwa n’inkota impande zawe zose; n’ikindi kigira gatatu nzogishwiragiriza mu birēre vyose, kandi nzosokōra inkota ibirukane.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ