Yeremiya 21:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)9 Ūguma mur’ iki gisagara azokwicwa n’inkota n’inzara n’ikīza: arik’ ūsokoroka muri co, akīsaba Abakaludaya babugarije, azobaho, kand’ azoba akijije amagara yiwe. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Kandi hanyuma y’ivyo, ni jewe Uhoraho mbivuze, nzogabura Zedekiya umwami w’Abayuda, n’ abasavyi biwe, n’abantu bazoba bagisigaye mur’ iki gisagara, batishwe n’ikīza n’inkota n’inzara, mbashire mu kuboko kwa Nebukadineza umwami w’i Babuloni, no mu maboko y’abansi babo, no mu maboko y’abarondera kubica: azobicisha ubugi bg’inkota; ntazobagirira impuhwe cank’ akagongwe cank’ imbabazi.