Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 21:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 mut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Ehe nzobakubiranya hamwe n’ibirwanishwa biri mu maboko yanyu, ivyo murwanisha umwami w’i Babuloni n’Abakaludaya babugarije, muriko murabarwanisha inyuma y’inzitiro z’iki gisagara, mbakoranirize hamwe hagati muri co.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 21:4
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nta gisigaye atar’ ugucishwa bugufi mu mbohe, canke guhindikiranywa mu bishwe. Yamara na ho nyene uburake bg’Uhoraho ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabānguye.


Umve ukwo guhinda kw’igugu ku musozi, nk’ukw’ igitero gikomeye! Umve urwo rwamo rw’amahanga y’abami akoraniye hamwe! Uhoraho Nyen’ ingabo arikw arakoranya ingabo azitegurira intambara.


None rero reka mbereke ivyo ngira ngirire uruzabibu rwanje: ngira nkūreh’ ururombero rwarwo, maze rwonwe ruvumburwe; kandi nsambure uruzitiro rwarwo, rucibge iyondoyondo;


Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, ati Nzotuma wikanga, ukange na bagenzi bawe bose; bazohindikiranywa n’inkota z’abansi babo, nawe amaso yawe azovyibonera. Nzotanga Ubuyuda bgose mu kuboko kw’umwami w’i Babuloni, kand’ azobajana ar’ inyagano i Babuloni, kand’ azobicisha inkota.


Maze Yeremiya arabishura, at’ Uku abe ari ko mubarira Zedekiya:


Eh’ ibirundo barundiye kwūririrako ngo baneshe igisagara birashitse: igisagara gitanzwe mu maboko y’Abakaludaya bagiteye, kubg’ inkota n’inzara n’ikīza. Ivyo wavuze birashitse, nawe urik’ uravyibonera.


Kuko Zedekiya umwami w’i Buyuda yari yamuboshe, ati N’iki gituma uvuga ng’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Rāba nzotanga iki gisagara mu kuboko kw’umwami w’i Babuloni, kand’ azohatsinda?


uti Kand’ azoshumika Zedekiya amujane i Babuloni, ngw Azobayo gushitsa aho nzomugendera, ngo Ni k’Uhoraho agize; ngo Naho mworwanya Abakaludaya ntimuzotsinda?


ni bo Bakaludaya bazokwuzuza ayo mazu imivyimba y’abantu nicishije uburake bganje n’ubushangashirwe bganje, kuko bātumye mpisha mu nyonga hanje iki gisagara kubg’ ivyaha vyabo vyose;


nuko rero, uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, Imana Nyen’ ingabo, Imana y’Abisirayeli, nt’ Ehe nzozana ku Bayuda no ku baba i Yerusalemu bose ivyago vyose nabageneye, kuko nababūriye bakanka kwumva, nkabahamagara bakanka kwitaba.


Hatsinzwe, abaganwa bose b’umwami w’i Babuloni baraza basagaza mu kirimba co hagati, ni bo aba: Nerugali‐sharezeri, na Samugari‐nebo, na Sarusekimu, na Rabu‐sarisi, na Nerugali‐sharezeri, na Rabu‐magu, bo n’abandi baganwa bose b’umwami w’i Babuloni.


Bajana n’imibindi, n’ ivyuma biyōra umunyota, n’imakasi, n’inzavya, n’udukombe, n’ ibintu vyacuzwe mu miringa vyose bākoresha mu vyo guhēreza;


Kubg’ uburake bgiwe bg’inkazi yakondoye ihembe ryose ry’Abisirayeli; Yapfunye ukuboko kwiwe kw’i buryo imbere y’abansi: Kandi yaturiye Yakobo, amumerera nk’umuriro w’ikibengebenge utongora impande zose.


Umwami Imana yahindukiye i Bgisirayeli nk’umwansi, arahayongobeza; Yayongobeje ingoro zaho zose, yasanganguye ibihome vyaho: Yongerekanije akabonge n’ ugucura intimba vy’umukobga w’i Buyuda.


Umwami Imana yashibuye igicaniro ciwe, yazinutswe ahēra hiwe, Yagabuye mu maboko y’ abansi ibigo vy’ingoro z’i Siyoni: Bāyogoreye mu ngoro y’ Uhoraho, nko ku musi mukuru washinzwe.


kand’ umuheto wawe ufashe mu kubamfu nzowukubita ukoroke, n’ imyampi yawe ufashe mu kuryo ndayikororere hasi.


Naho borera abana babo, nzobabahēkūra, ntihaze hagire umuntu asigara: mbere bazobona ibara igihe nzoba mbataye!


Kuko nzoba nkoranije amahanga yose ngw atere i Yerusalemu; umurwa uzotsindwa, amazu asahurwe, bafate abagore babende ku kagōbēro; igihimba c’abo ku murwa bazojanwa ar’ inyagano, arikw amasigarira ntazokūrwa kur’ uwo murwa.


Uwo mwami araraka, agomora ingabo ziwe, ahonnya abo bicanyi, ayigiza igisagara cabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ