Maz’ umumarayika w’Uhoraho abarira Eliya w’i Tishubi, ati Va hasi, uje guhūra n’intumwa z’umwami w’i Samariya, uzibaze, uti Mbeg’ icatumye muja kuri Bayali‐zebubi iyo mana y’i Ekuroni kuraguza, n’ ukw ata Mana yariho mu Bgisirayeli?
Maz’ umwami w’i Ashuri yimura abantu i Babuloni n’i Kuta n’i Ava n’i Hamati n’i Sefaravayimu, abinjiza mu bisagara vy’i Samariya, mu gishingo c’Abisirayeli; nuko baraza bashikīra i Samariya, baba mu bisagara vyaho.
umwami Zedekiya atuma kumuzana; nuk’ umwami amubariza mu mpisho mu ngoro yiwe, ati Mbega nta jambo ryoba rivuye k’Uhoraho? Yeremiya ati Ririho; at’ Uzotangwa mu kuboko kw’umwami w’i Babuloni.
rit’ Uku ni k’ Uhoraho agize, ni we Mana y’ Abisirayeli, at’ Uku abe ari ko mubarira umwami w’i Buyuda yabantumyeko kunsiguza, muti Rāba ingabo za Farawo zije kubatabara zizosubira muri Egiputa mu gihugu cabo.
Nuko Samweli abaza Sauli, ati N’iki gitumye uza kunkoma, ukanzūra? Sauli aramwishura, ati N’uko ndi mu magorwa, kukw Abafilisitiya baje kuntera, kand’ Imana ikaba yarantaye, ata co ikinyishura, ari mu bo ivugisha canke mu nzozi. Ni co kinteye kuguhamagara, ng’ummenyeshe ico nkwiye gukora.