Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 20:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Iyo mvuze, nti Sinzosubira kumuvuga, canke ngo ngire ico mvuga mw izina ryiwe, haca haba nk’umuriro uyingana mu mutima wanje, uhīshije uburimbi amagufa yanje, bikangora kwiyumanganya, nkaba ntobishobora.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 20:9
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umutima wanje uba igitongorero muri jewe; Nciyumvira, umuriro unyakamwo. Maze mvugisha ururimi rwanje,


Mbeg’ ijambo ryanje si nk’umuriro? ni jewe Uhoraho mbibajije; canke si nk’inyundo imenagura igitandara?


Ku vya ba kamenyi. Umutima wanje unsābiye mu nda, amagufa yanje yose aratetemera; mmeze nk’imborerwa, nk’umuntu yaneshejwe na vino, kubg’ Uhoraho n’amajambo yiwe yera.


Amara yanje, amara yanje aradobangana! Nseserewe mu mutima wanje; umutima wanje umpagazemwo, sinshobora kwiyumanganya; ewe mutima wanje, ni kuko wumvise ijwi ry’inzamba, n’akarūru k’intambara!


Ni co gituma nuzuye ubushangashirwe bg’Uhoraho: bingoye kubuzina; burekurire ku bana bari mu nzira, no ku misore ah’iganamye: kuk’ umugabo azonyaganwa n’umugore wiwe, n’umutāma azonyaganwa n’ūgeze mu zabukuru.


Nuko Mpwemu aranterura, aranjana; ngenda nshavuye, nitonganya; arik’ ukuboko kw’Uhoraho kwari kunshikamiye.


Arambarira, ati Mwana w’umuntu, hāza inda yawe, n’amara yawe uyuzuze uyu muzingo nguhaye. Nuko ndawurya; mu kanwa unsosera nk’ubūki.


Intambge irīvuze, none ni nde atotinya? Umwami Uhoraho aravuze, none ni nde atovugishwa?


riti Va hasi uje i Ninewe, ca gisagara kinini, ukibūrire; kukw ivyaha vy’abaho vyarundanye, bigashika imbere yanje.


Ariko Yona ava hasi ngw ahungire Uhoraho i Tarushishi, ave mu nyonga ziwe. Amanuka i Yopa, abona ubgato buja i Tarushishi: atanga ikibuguro, atambukira muri bgo, ngw ajane n’abagiye i Tarushishi, ave mu nyonga z’Uhoraho.


Ariko Yesu aramubgira, ati Nta muntu afashe isuka irimishwa n’inka, arāba inyuma, abereye ubgami bg’Imana.


Ariko Paulo akibarindīriye muri Atenayi, umutima wiwe utunturira muri we abonye ingen’ ico gisagara cuzuye ibigirwamana.


Maze Sila na Timoteyo bamanutse, bavuye i Makedoniya, Paulo agōbērwa n’ijambo ry’Imana, ashingira intahe Abayuda yuko Yesu ari we Kristo.


kuko tweho tudashobora kureka kuvuga ivyo twabonye n’ivyo twumvise.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ