Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 20:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Kuk’ ukw ari k’Uhoraho agize, ati Nzotuma wikanga, ukange na bagenzi bawe bose; bazohindikiranywa n’inkota z’abansi babo, nawe amaso yawe azovyibonera. Nzotanga Ubuyuda bgose mu kuboko kw’umwami w’i Babuloni, kand’ azobajana ar’ inyagano i Babuloni, kand’ azobicisha inkota.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 20:4
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abahungu biwe babamwicira imbere, na we bamunogora amaso, bamwambika umunyororo, bamujana i Babuloni.


Erega bārahonnye mu kanya gato! Ubgoba bg’uburyo bginshi burabamaze.


Aba bantu b’abanyakibi, uko bākanse kwumva amajambo yanje, bakagendera mu budadarare bg’imitima yabo, bagakurikira izindi mana ngw abe ari zo basaba, bazisenge, bazomera nk’uyu mukanda utakigira ico umaze.


Ibisagara vy’i bumanuko birugarijwe, nta wugicārūka: Abayuda bajanywe kw inyagano bose, ntihasigara n’uwa kirazira.


at’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Ehe nzozana kur’ iki gisagara, no ku bindi bisagara vyose vyo hafi yaco, ivyago vyose nakigeneye, kuko bāgamitse amazosi yabo, bakanka kwumva amajambo yanje.


Kandi nawe, Pashuri, mwe n’abo mu rugo rwawe bose, muzojanwa kw inyagano: kand’ uzoshika i Babuloni, ni yo uzogwa, ni yo uzohambga, mwe na bagenzi bawe bose, abo warotoreye ivy’ ibinyoma.


nzotuma kugomora imiryango yose y’i burārūko, ni jewe Uhoraho mbivuze, kandi nzotuma no kuri Nebukadineza umwami w’i Babuloni, umusavyi wanje, mbazane ngo barwanye iki gihugu n’abakibamwo, barwanye n’aya mahanga yose agikikije; kandi nzobageseza rwose, mbahindure akajoreza, n’abo kuvuzwakw agahwa, n’iciro ry’imigani ibihe bidashira.


Uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho Nyen’ ingabo, Imana y’Abisirayeli, ku vya Ahabu mwene Kolaya no ku vya Zedekiya mwene Mayaseya, babaragurira ibinyoma mw izina ryanje, nt’ Ehe nzobatanga mu kuboko kwa Nebukadineza umwami w’i Babuloni, na we azobicira imbere y’ amaso yanyu;


N’iki gitumye bacika ivutu bagakimirana? Abahizi babo batsinzwe hasi, barahunga baratemesha, batarinze no gukebuka: haba ibibateye ubgoba irya n’ino, ni k’Uhoraho agize.


Nuko wa mukuru w’abashibamyi afata Seraya umuherezi mukuru, na Zefaniya umuherezi wa kabiri, n’abashibama ku rugi ukw ari batatu:


Umwami w’i Babuloni arabazibagura, abatsinda ngaho nyene i Ribula, mu ntāra y’i Hamati. Uko ni kw Abayuda bajanywe kw inyagano, bakūrwa mu gihugu cabo.


Ntimuruhe musohoka mu mirima, canke ngo mufate inzira: kuko hariy’ inkota y’umwansi, n’ibiteye ubgoba irya n’ino.


Ngo Kandi ni hagira umuntu wo kuri wewe azosigara atamukūye ku gicaniro ciwe, na ho nyene bizoba ar’ ugusigara akobotse amaso, atuntuye mu mutima; ngo Kand’ ab’ uruvyaro rw’inzu yawe bose bazogenda bapfa bakenyutse.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ