Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 20:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Bukeye Pashuri akūra Yeremiya mur’ izo mpatane. Maze Yeremiya aramubgira, at’ Uhoraho ntiyakwise Pashuri, ariko yakwise Magori‐misabibu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 20:3
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Imana ibarira Aburahamu, iti Sarayi umugore wawe ntube ukimwita Sarayi ukundi, arik’ uz’ umwite Sara.


Kandi ntucitwa Aburamu ukundi, arik’ uzokwitwa Aburahamu; kuko nkugize sekuruza w’amahanga menshi.


Aramubarira, ati Ntucitwa Yakobo ukundi, ariko wiswe Isirayeli; kuko waniganye n’Imana n’abantu, ukanesha.


Kuko numvise benshi bandementaniriza, Ubgoba kukantera irya n’ino; Hamwe bangīra inama Barondera ingene bonyica.


Nuko ndārira umugore w’ūvugishwa, asama inda, avyara umuhungu. Maz’ Uhoraho aca arambarira, ati Mwite Maheri‐shalali‐hashi‐bazi.


ugende ushike mu mwonga wa mwene Hinomu, aherekeye mw ishikiro ry’irembo ry’ababumvyi, uhavugire amajambo nkubarira:


Nuko rero, umve, imisi igira ize, ni jewe Uhoraho mbivuze, aha hantu ntihazoba hacitwa Tofeti, canke ngo hitwe Umwonga wa mwene Hinomu; ariko hazokwitwa Umwonga w’Imihindigiti.


Kuko numvise benshi bandementaniriza, ubgoba bukantera irya n’ino. Abakunzi banje pfampfe bose, ni bo barereka ko notsitara, bavuga, bati Mumurege, natwe tumurege, kumbure yogwa mu mutego, natwe tukamunesha, tukamwīhōra.


Maze Zefaniya umuherezi asoma ico cete ūvugishwa n’ Imana Yeremiya yumva.


N’iki gitumye bacika ivutu bagakimirana? Abahizi babo batsinzwe hasi, barahunga baratemesha, batarinze no gukebuka: haba ibibateye ubgoba irya n’ino, ni k’Uhoraho agize.


Ntimuruhe musohoka mu mirima, canke ngo mufate inzira: kuko hariy’ inkota y’umwansi, n’ibiteye ubgoba irya n’ino.


None rer’ umve, imisi igira ize, ni jewe Uhoraho mbivuze, ntihazoba hacitwa Tofeti, canke ngo hitwe Umwonga wa mwene Hinomu; ariko hazokwitwa Umwonga w’ Imihindigiti, kuko bazohamba i Tofeti gushitsa aho batazoba bagishigaje n’akanya k’aho bahamba.


Wampamagariye ibinteye ubgoba irya n’ino, nk’uko wahamagara ikoraniro ku musi mukuru washinzwe, Kandi nta warokotse canke ngw asigare kur’ uwo musi w’uburake bg’Uhoraho; Abo nakuyakuya nkabarera, umwansi wanje yarabampēkūye.


Ngo Kand’ ukuboko kwiwe kuzorwanya abo ba kamenyi berekwa ibitagira ikimazi, bakaragura ibinyoma: ngo Nta ho bazoba mu nama y’abantu biwe na mba, canke ngo bandikwe mu gitabo c’amazina c’inzu ya Isirayeli, canke ngo bashike mu gihugu c’Abisirayeli; ngo Kandi muzomenya kw ari we Mwami Uhoraho.


arabasohokana, arababaza, ati Bagenzi, nkwiye gukora iki ngo nkire?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ