Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 20:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 aca aramukubita, amushira mu mpatane z’ibiti vyari ku kirimba gihera haruguru citwa ica Benyamini, kirora ku ngoro y’ Uhoraho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 20:2
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ umwami Yerobowamu yumvise ijambo uwo muntu w’Imana yasemereye, avugiye kur’ ico gicaniro c’i Beteli, amutunga ukuboko ahagaze ku gicaniro, aravuga, ati Ni mumufate! Uwo mwanya ukuboko yar’ amutunze guca kuranyūnyūka, bituma adashobora kukwigarukanako.


mut’ Umwami agize ng’ Uru rugabo murushire mw ibohero, murugaburire ivyo kurya n’amazi vy’intīca ntīkize, uti Kugeza ah’ azotabarukira amahoro.


Maze Asa ashavurira kamenyi uwo, amushira mw ibohero mu mpatane z’ibiti, kukw iryo jambo ryamuteye kumugirira ubushangashirwe. Ico gihe Asa yagenda acuranguza abantu bamwe‐bamwe.


Maze Zedekiya mwene Kenayana yēgēra Mikaya amukubita urushi, aramubaza, at’ Iyo mpwemu y’Uhoraho yaciye hehe mu kuva muri jewe iza kuvugana nawe?


Bamugīra inama, bamwicisha amabuye bivuye ku cagezwe c’umwami, bamutsinda mu nyubakwa yo ku ngoro y’Uhoraho.


Kand’ ibirenge vyanje ubishize mu mpatane z’ibiti, Ugenzura imigendere yanje yose; Ushingiye akarimbi ibirenge vyanje:


Ngw ibirenge vyawe ibishira mu mpatane z’ibiti, Ikitegereza inzira zawe zose.


Bazokurwanya, ariko ntibazokunesha, kuko nzoba ndi kumwe nawe ngo nkurokore, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Maz’ abaganwa b’i Buyuda bumvise ivyo, baradūga bavuye mu ngoro i bgami, baja ku ngoro y’ Uhoraho; bicara mw ishikiro ku kirimba gisha c’urugo rw’ Uhoraho.


Nuko Yeremiya aheraheje kuvuga vyose Uhoraho yamugeze kubarira abantu bose, abaherezi n’abo ba kamenyi n’ abantu bose baramufata, bati Ntugenda udapfuye.


ukavuga, ut’ Uhoraho ko yaguhinduye umuherezi mu gishingo c’umuherezi Yehoyada, namwe kugira ngo mube ababgiriza mu ngoro y’Uhoraho, ngo mubuze umuntu wese w’ umusazi yīgira ūvugishwa n’Imana, ngo mumushire mu mpatane z’ibiti no mu minyororo;


Maz’ umwami abarira Yerameyeli umwana w’umwami na Seraya mwene Aziriyeli, na Shelemiya mwene Abudeli ngo bafate Baruki umukarani n’uwavugishwa n’Imana Yeremiya: arik’ Uhoraho arabahisha.


Agishika mw irembo ryitwa irya Benyamini, umukuru w’ abashibamyi yitwa Iriya mwene Shelemiya, Shelemiya wa Hananiya, ni ho yar’ ahagaze: afata uwo muvugishwa Yeremiya, at’ Uroye kwisaba Abakaludaya.


Nuk’ umwami Zedekiya aravuga, bashira Yeremiya mu rugo rw’ibohero, bamugaburira umutsima uko bukeye, bawuguriye ku nzira y’abacumvyi, gushitsa ah’ imitsima yose yahebūriwe mu gisagara. Nuko Yeremiya aguma ngaho mu rugo rw’ibohero.


Igihugu cose kizohinduka ikiyaya, uhereye i Geba ugashitsa i Rimoni ahahera i bumanuko bg’ i Yerusalemu: kandi Yerusalemu hazoshirwa hejuru habe aho hāhoze, uhereye kw irembo ry’igisagara ryitwa irya Benyamini, ugashitsa ah’ irembo rya mbere ryāhoze, ugashitsa no kw irembo ryo ku nkokora, kand’ uhereye ku munara w’amabuye wa Hananeli ugashitsa ku māto yimbge hasi baganiramwo vino z’i bgami.


Maz’ abo barimyi bafata ba bakozi biwe, umwe baramushishagura, uwundi baramwica, uwundi bamutera amabuye.


Babashōrerakw amaboko, babashira mw ibohero gushitsa mu gitondo, kuko bgari bugorovye.


bashōrera amaboko ku ntumwa, bazishira mu nzu y’ibohero rya bose.


Baramwemerera, maze bahamagaje intumwa, barazitonagura, barazīhanikiriza ngo ntizize zigishe mw izina rya Yesu, maze barazirekura.


Ni nde mu bavugishijwe n’Imana ba sogokuruza banyu batāhamye? Bishe abābanje kumenyekanisha ivyo kuza kwa wa Mugororotsi, none namwe mwaramuguze muramwica:


Kandi mbona uwo mugore aborewe amaraso y’abera n’amaraso y’abashingiye intahe ivya Yesu. Ndamubonye birantangaza ndumirwa rwose.


Ntutinye ivy’ ugira ubabazwe. Eh’ uwo Murwanizi agira ashire bamwe muri mwebge mw ibohero kugira ngo mugeragezwe, kandi muzogira amarushwa imisi cumi. Wame uyoboka gushitsa ku gupfa, nanje nzoguha igitsibo c’ubugingo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ