Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 2:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ni co gitumye nzokomeza kubūrana namwe, kandi nzobūrana n’abuzukuru banyu, ni jewe Uhoraho mbivuze.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 2:9
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Izohamagara ijuru ryo hejuru N’isi na yo; kugira ngw icire abantu bayo urubanza,


ntuz’ uvyikubite imbere, ntuz’ ubisabe, kuko jewe Uhoraho Imana yawe nd’ Imana ifuha, mpōra abana ibigabitanyo vya ba se, nkageza ku runganwe rugira gatatu no ku rugira kane rw’abanyanka,


Uhoraho ahagurukijwe no kubūrana, kand’ ahagurukijwe no gucira amahanga imanza.


Nyibutsa, tubūrane; shinga urubanza rwawe, kugira ng’utsindishirizwe.


N’iki kibagombesha kubūrana nanje? Mwese mwarancumuyeko, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ariko naho bimeze birtyo, uravuga, uti Nta gicumuro ndiko; kand’ uti N’ukuri n’uburake yar’ andakiye bgashize. Rāba nzobūrana nawe, kuk’ uvuga, uti Nta caha nakoze.


Yafashe igitsintsiri ca mukuru we bakiva mu nda ya nyina; kand’ amaze gukura yahotoranye n’Imana:


Ni mwībūranire na nyoko, ni mwībūranire; kukw atar’ umugore wanje, nanje sind’ umugabo wiwe: n’akūre ubushegabo bgiwe mu maso hiwe, n’ubumaka bgiwe abukūre hagati y’amabere yiwe;


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe Bisirayeli: ereg’ Uhoraho afitaniye imibūrano na ben’ igihugu, kukw ata kuyoboka kuri mu gihugu, cank’ imbabazi, cank’ ukumenya Imana.


jewe ubganje nzohoza igitsūre kur’ uwo muntu, no ku muryango wiwe, ndabarandurane mu bgoko bgabo n’abābīgānye mur’ ubgo bumaka bgo guhurumbira Moleki.


Yemwe misozi, namwe matanguriro y’isi yahamye, ni mwumve ukubūrana kw’Uhoraho; kuk’ Uhoraho afitaniye imibūrano n’abantu biwe, kand’ agira abūrane n’Abisirayeli.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ