Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 2:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Abaherezi ntibārushe bībaza, bat’ Uhoraho ari hehe? N’abafise ibango ry’ivyagezwe ntibāmmenye; abaragiye igihugu bārancumuyeko, kand’ abo nari kuvugisha basigaye bavugishwa na Bayali, bakurikira ibitagira ikimazi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 2:8
35 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Eliya arongera abarira abantu, ati Ni jewe jenyene nsigaye mu bavugishwa n’Uhoraho; ariko ba kamenyi ba Bayali n’ amajana ane na mirongwitanu.


Maz’ igihe c’amashōka kirenze, batangura kuvovota, gushitsa igihe kigeze co gutanga ikimazi ca ni kera; ariko ntihagira ijwi ribītaba, cank’ ikibishura, cank’ ikibababara.


Maze Eliya arababarira, ati Ni mufate abo ba kamenyi ba Bayali, ntihagire ūcika n’umwe. Barabafata; maze Eliya abamanukana ku mugezi Kishoni, abīcirayo.


Ariko nta wuvuga, at’ Imana Umuremyi wanje iri hehe, Kand’ ari yo iduha indirimbo mw ijoro,


Ariko n’Abayuda na bo baradandabagiranywa na vino, bakubishwa iserere n’ibiboreza; umuherezi n’ūvugishwa n’Imana baradandabagiranywa n’ ibiboreza, vino irabamaze, bakubishwa iserere n’ibiboreza; iyo bakiriko barērekwa baradandabagirana, iyo bakiriko baraca imanza barazunguzwa.


Kuk’ Uhoraho abasutsekw impwemu y’uruhuni, agahuma amaso yanyu, ni yo bavugishwa banyu, agapfuka n’imitwe yanyu, ni yo bamenyi banyu.


Bose bazomāramāra kuko bazosanga ar’ abantu batabasha kubagirira ikimazi, batazobatabara, ata kimazi bafise, atar’ ukubatētereza no kubatukisha.


Kukw abungere bācitse ibiyingiyingi, ntibagīsha Uhoraho inama: ni co cababujije kumererwa neza, kand’ imikuku yabo yose yarasābagiye.


Abungere benshi bāhanyaguye uruzabibu rwanje, bāsiribanze umugabane wanje, umugabane wanje w’igikundiro bāwuciye ubugaragwa bg’ibitongozi.


Ewe Uhoraho, nkomezi zanje, gihome canje, buhungiro bganje ku musi w’amagorwa, amahanga azoza kuri wewe avuye mw isi yose iy’ iva ikagera, bavuge, bati Ba sogokuruza bacu nta kindi bārazwe atar’ ibinyoma n’ivy’ ubusa n’ibitagira ikimazi.


Maze baravuga, bat’ Enda ni muze, duhigire imihigo Yeremiya; kukw ahar’ umuherezi hatobura n’ivyagezwe, kand’ ahar’ umunyabgenge ntihobura n’inama, kand’ ahar’ ūvugishwa n’ Imana ntihobura ijambo ryayo. Enda ni muze, tumukubitishe intega y’ururimi, ntidushire umutima ku magambo yiwe, mwo na rimwe.


Mbega harih’ ihanga ryigeze gukāba imana zaryo, nah’ atar’ imana nya mana? Arikw abantu banje bo, icubahiro cabo bāgikāvye ibitagira ikimazi.


Ko batārushe bībaza, bat’ Uhoraho ari hehe, yadukūye mu gihugu ca Egiputa, akaturōngōra mu bugaragwa, no mu gihugu c’ubgeranyange kirimw’ ivyobo, mu gihugu kigadutse c’igitūtu c’urupfu, mu gihugu kidacamw’ abantu, ata muntu n’umwe ahaba?


Ereg’ abantu banje n’ibipfu, ntibanzi; n’abana b’ibijuju, nta bgenge bagira: bagira ubgenge bgo gukora ibibi, ariko mu vyo gukora ivyiza nta co bazi.


ba kamenyi bavuga ibinyoma, kandi n’abaherezi, uko baganza kwose bagukūra kuri bo; kand’ abantu banje ni co bakunda: mbega none muzokora iki kw iherezo ryavyo?


Mbega ko mwizigiye amagambo y’ibinyoma adafise ikimazi!


ariko bakagendera mu budadarare bg’imitima yabo, bagakurikira Bayali, nk’uko ba sekuruza bābigishije:


Abaherezi baho bishe ivyagezwe vyanje ku manyama, bazirūye ivyera vyanje: ntibashize itandukaniro hagati y’ivyera n’ibitar’ ivyera, canke ngo bamenyeshe abantu uko bakwiye gutandukanya ibihumanye n’ibidahumanye, kandi n’amasabato yanje barayirengagije; nuko nsigaye nkēngēretse muri bo.


riti Mwana w’umuntu, būrira abungere baragira Abisirayeli, ubabūrire, ubgire abo bungere, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Bazobona ibara, abungere b’Abisirayeli bīragira ubgabo! Mbeg’ abungere ntibāri bakwiye kuragira intama?


Abantu banje baranduwe no kutagira ubgenge: wewe ko wataye ubgenge, nuko nanje nzoguta, ntuzoba ukiba umuherezi wanje; ko wibagiye ivyagezwe vyanje, Imana yawe, nanje nzokwibagira abana bawe.


Igishushanyo kibājwe kimaze iki, vyotuma umubāji akibāza, cank’ igishushanyo kivugutiwe mu nkero kiragura ibinyoma, vyotuma uwakivugutiye acizigira, akironkera ibigirwamana vy’ibiragi?


Kand’ umuntu vyomumarira iki kwunguka ivyo mw isi vyose ni yākwa ubugingo bgiwe kw icīru? Cank’ umuntu yotanga iki ngw acungure ubugingo bgiwe?


Muzobona ibara, abigisha ivyagezwe, kuko mwatwaye urupfunguzo rw’ubgenge: ntimwinjiye ubganyu, n’abāgomba kwinjira mwarababujije.


Kand’ ivyo bazobikora kuko batamenye Data, nanje ntibāmmenye.


yamara ntimumuzi, ariko jewe ndamuzi. Kandi ni navuga ngo sindamuzi, nzoba mbaye umunyabinyoma nkamwe: ariko ndamuzi, kandi nitondera ijambo ryiwe.


Twanse ibiteye isoni bikorerwa mu mpisho, ntitugenda mu bugunge, ntidufudika ijambo ry’Imana, ariko kwerekana ukuri ni kwo twishimagirisha mu nyonga z’Imana ku mutima w’umuntu wese.


Bazokwigisha aba Yakobo amatēka washinze, Bigishe Abisirayeli ivyagezwe vyawe. Bazokumotereza imibavu, Bakwosereze ibimazi bidasonōye ku gicaniro cawe.


Ntimukikame ngo mukurikire ivy’ impfagusa bidashobora kugira ikimazi canke gukiza, kukw ar’ ubusa gusa.


Kandi bene Eli bār’ abanyangeso mbi; bāpfa uko bagize ivy’ Uhoraho,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ