Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 2:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Ushime nabashikanye mu gihugu cama kirumbuka, ngo murye ivyo cera n’ivyiza vyaco; ariko mumaze kucinjira mwāhumanije igihugu canje, muhindura umwandu wanje ikizira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 2:7
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Batsinda ibisagara bikomeye bifise inzitiro z’amabuye, bashikīra n’intāra zimera cane, binjira n’amazu yuzuye ivyiza vyose, bashikīra n’ ivyobo vyimbiwe kubīka amazi, n’imirima y’imizabibu n’iy’ imyelayo, n’ibindi biti vyama vy’isinzi, bararya barahāga baravyibuha, bidibamira mu vyiza vyose wabahaye.


Ariko ntibakwumviye, barakugarariza, bashiburira ivyagezwe vyawe inyuma yabo, bica abavugishwa nawe bāhora babahanura ngo babasubize kuri wewe, bakora ivyo kukuratsa bikomeye.


kuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo ahahaye umugisha, ati Hahirwe Abanyegiputa abantu banje, n’Abashuri igikorwa c’amaboko yanje, n’Abisirayeli ishamvu yanje.


Ariko nzobanza kubahōra ibigabitanyo vyabo n’ivyaha vyabo ibihetangabo kabiri, kuko bāndurishije igihugu canje imivyimba y’ibimazi vyabo biteye ishishi, bakuzuza ishamvu yanje bga buyobe bgabo.


Baravuga, bat’ Umuntu ni yirukana umugore wiwe bakavana, akābīrwa n’uwundi mugabo, mbeg’ uwo mugabo wiwe yosubira kumugarukana ukundi? Mbega n’igihugu nyene nticoba cononekaye? Nawe wīgize maraya ku būzure batari bake; non’ ugira ngo wongarukako? ni jewe Uhoraho mbibajije.


Unamurira amaso ku mpinga mu ruharabuga, witegereze: mbeg’ aho batāryamanye nawe ni hehe? Wabategeye ku mayira, nk’uk’ Umwarabo ategera mu bugaragwa; wononesheje igihugu ubusambanyi bgawe n’ivyaha vyawe.


Maz’ igihugu gica cononekara, kuko Isirayeli yabaye vyenywe mu busambanyi bgiwe, agasambana n’amabuye n’ibigegene.


baracinjira barakiganza; yamara banka kukwumvira, no kugendera mu vyagezwe vyawe; ntibakora na kimwe mu vyo wabageze vyose gukora: ico ni co catumye ubatēza ivyo vyago vyose.


Kukw Abisirayeli n’Abayuda bākoze ibibi gusa mu nyonga zanje uhereye mu buto bgabo, kuko ku Bisirayeli ata kindi atar’ ukuntera ishavu, barinteresha ibikorwa vy’amaboko yabo, ni jewe Uhoraho mbivuze.


kuko batāshikije ivyagezwe vyanje, ariko bakagaya n’amabgirizwa yanje, bakazirūra amasabato yanje, amaso yabo bakayahanga ibigirwamana vya ba sekuruza.


kuko, mmaze kubashitsa mu gihugu, ico narahiye mmanitse ukuboko ko nzobaha, uko babonye umusozi wose muremure n’igiti cose gitotahaye, baciye bahatangira ibimazi vyabo, baba ari ho bashikanira ishikanwa ryabo ryo kundatsa; ni ho batangiye ibizana imibabge imota neza, bakahasukira amashikanwa yabo y’ibiturire.


ni kur’ uwo musi nyene namanitse ukuboko mbarahira ko nzobakūra mu gihugu ca Egiputa nkabajana mu gihugu nabatoreye, igihugu gitemba amata n’ubūki, igihugu c’agaheta mu bihugu vyose.


None rero, uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, ati Ko wanyibagiye, ukanshiburira inyuma yawe, ubushakanyi bgawe n’ ubumaka bgawe ni wewe biriko.


riti Mwana w’umuntu, ab’ inzu ya Isirayeli igihe bāba mu gihugu cabo, bācononesha ingeso zabo n’ibikorwa vyabo: ingeso zabo imbere yanje zambereye nk’umugore ari mu miziro.


Ntibazoguma mu gihugu c’Uhoraho; ariko Efurayimu azosubira muri Egiputa, bazorīra ivyo kurya bihumanye muri Ashuri.


Ni muhaguruke, mugende; kukw aha atar’ uburuhukiro bganyu, kubg’ ibihumanya bizana gutikira kw’agahebuza.


Babarira Mose, bati Twarashitse mu gihugu wadutumyemwo, kandi n’ivy’ ukuri koko gitemba amata n’ubūki; kandi ngivyo ivyo twamuyeyo.


umuvyimba wiwe ntuz’ urāre kur’ ico giti, ariko ntimuze mubure kumuhamba kur’ uwo musi nyene: kuk’ ūmanitswe ku giti arik’ umuvumo w’Imana; nuko mumuhambe, kugira ngo ntimwanduze igihugu Uhoraho Imana yanyu yabahaye kw ishamvu.


Kukw abantu b’Uhoraho ari bo mugabane wiwe, Aba Yakobo ni bo shamvu y’ aho yigereje ibango.


Kandi muze mukore ivyo Uhoraho abona ko bitunganye kandi kw ari vyiza, kugira ngo mumererwe neza, mubone kwinjira ca gihugu ciza Uhoraho yarahiye ba sogokuruza kw azokibaha, mucegukire,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ