Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 2:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 uku ni k’Uhoraho agize, ati N’ibigabitanyo ki ba sogokuruza banyu bānsanganye, ko bāngiye kure, bagakurikira ibitagira ikimazi, na bo ubgabo bagahinduka imburakimazi?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 2:5
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bakēngēra amateka yiwe, n’isezerano yasezeranye na ba sekuruza, n’imbūri yababūriye, bagakurikira ibitagira ikimazi, baca bahinduka ba nta kimazi, bīgāna amahanga abakikije, abo Uhoraho yari yarabihanikirije ngo ntibabīgāne.


Ababikora bazohwana na vyo, Mbere n’ūvyizigira wese.


Umwami Imana aravuga, at’ Aba bantu ko bahora baza hafi yanje, bazanye akanwa kabo gusa, bakanyubahisha iminwa yabo, arikw imitima yabo bakayishira kure yanje, n’ukunyubaha kwabo kukaba ar’ icagezwe bigishijwe n’abantu.


Abaryohora ibishushanyo bibājwe bose n’ubusa; n’ ibintu vyabo vy’igikundiro nta co bizomara, n’ivyabona vyabo ubgavyo nta co bibona, nta co bimenya; kugira ngo bamāramāre.


Ni munyumve, yemwe ab’ imitima ikomantaye, abari kure y’ukugororoka:


Ariko bose uko bangana n’ibiyingiyingi n’ibipfu; ukwigisha kw’igishushanyo guhwanye n’igiti buti.


Warababaditse, mbere bashinga imizi; barakura, mbere no kwama barāma: uhora hafi mu kanwa kabo, arik’ ukaba kure y’imishaha yabo.


Mu bigirwamana vy’imburakimazi vy’ amahanga har’ ivyoshobora kurekura imvura? Cank’ ijuru ubgaryo ryoshobora kurekura iy’ umurindi? Mbeg’ ūbishobora si wewe Uhoraho Mana yacu? Ni co gituma tukwitega; kukw ari wewe waremye ivyo vyose.


Yemwe runganwe rw’iki gihe, ni murābe ijambo ryanje, jewe Uhoraho. Mbeg’ Abisirayeli nababereye ubugaragwa? Canke se nababereye igihugu c’umwiza w’umuzitanya? N’iki gituma abantu banje bavuga, bati Turidohoye: ntitukigomba kukugarukako?


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge nzu ya Yakobo, namwe miryango yose y’inzu ya Isirayeli;


Umve, ijwi ry’ugutakamba kw’umukobga, ari we bgoko bgacu, rituruka hirya no hino mu gihugu, riti Mbeg’ Uhoraho ntakiba i Siyoni? Mbeg’ Umwami waho si ho akiri? Mbega na bo n’iki catumye bandakisha ibishushanyo vyabo bibājwe, n’ ivy’ imburakimazi vy’ivyaduka?


riti Mwana w’umuntu, bene wanyu, bene wanyu nyene, abo mu muryango wawe, bo n’inzu yose ya Isirayeli iy’ iva ikagera, ni bamwe bābariwe n’ababa i Yerusalemu, bati Ni mwīgire kure y’ Uhoraho: tweho iki gihugu ni co twahawe kw ishamvu.


kugira ngw ab’inzu ya Isirayeli mbafatane ibiri mu mitima yabo, kuko bose twahubanywe kubg’ ibigirwamana vyabo.


Aberekeza umutima ku bitagira ikimazi vy’ibinyoma Baba bataye guharirwa.


at’ Aba bantu banyubahisha iminwa yabo, Arikw imitima yabo iri kure yanje.


bati Yemwe bagabo, n’iki gitumye mugira murtyo? Natwe tur’ abantu buntu, tumeze nkamwe, kandi tubabgira ubutumwa bgiza, ngo mureke ivyo bitagira ikimazi, muhindukirire Imana nzima, yaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibirimwo vyose,


kuko bāmenye Imana ntibayubahe nk’Imana, ntibayishime; ariko bācitse abiyumvira ivy’ ubusa, imitima yabo y’imburabgenge icura umwiza.


Ati Bantēje ifūhe ibitar’ Imana; Bandakishije ibigirwamana vyabo vy’ubusa: Nuko nanje nzobatēza ishari abatar’ ihanga ry’ukuri, Nzobarakisha ihanga ry’imburabgenge.


Ntimukikame ngo mukurikire ivy’ impfagusa bidashobora kugira ikimazi canke gukiza, kukw ar’ ubusa gusa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ