Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 2:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge nzu ya Yakobo, namwe miryango yose y’inzu ya Isirayeli;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 2:4
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni mwumve ijambo Uhoraho ababgira, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli:


Ni mwumve, mutege amatwi: nta co mugira ubgibone; kuk’ Uhoraho ari we avuze.


uti Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge bami b’i Buyuda, namwe ababa i Yerusalemu; uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Ehe nzozana ivyago aha hantu, kand’ ūzovyumva wese iminzerere izomuvuga mu matwi.


Isirayeli yar’ uwo nirobanuriye, jewe Uhoraho, yar’ umushuzo mu bikikimvye vyanje. Abazomurya bose bazobakw igicumuro; ivyago bizobazako, ni jewe Uhoraho mbivuze.


uku ni k’Uhoraho agize, ati N’ibigabitanyo ki ba sogokuruza banyu bānsanganye, ko bāngiye kure, bagakurikira ibitagira ikimazi, na bo ubgabo bagahinduka imburakimazi?


Ico gihe, ni k’Uhoraho agize, nzoba Imana y’imiryango yose y’Abisirayeli, na bo bazoba abantu banje.


riti Mbega ntiwiyumviriye ivyo aba bantu bavuga, ngw Imiryango yompi Uhoraho yatoranije yayicīye? Uko ni ko bakēngēra abantu banje, kuko bagira ngo ntibakir’ ihanga.


Uti Yamara ni wumve ijambo ryiwe Uhoraho, ewe Zedekiya mwami w’i Buyuda: ut’ Uku ni kw avuze ku vyawe, ati Ntuzokwicwa n’inkota,


mut’ Enda ni mwumve ibi, mwa bantu b’ibipfu, batagira umutima, bafise amaso ntibabone, bafise n’amatwi ntibumve:


riti Hagarara mu kirimba kirora ku ngoro y’Uhoraho, uhatāngārize iri jambo, uti Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge mwese b’i Buyuda, abaca mur’ ibi birimba ngo musenge Uhoraho.


Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe Bisirayeli: ereg’ Uhoraho afitaniye imibūrano na ben’ igihugu, kukw ata kuyoboka kuri mu gihugu, cank’ imbabazi, cank’ ukumenya Imana.


Enda ni mwumve ico Uhoraho avuga, ati Va hasi, ubūranire imbere y’imisozi, uturambi ni twumve ijwi ryawe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ