Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 2:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Mbere no ku mpuzu zawe haboneka amaraso y’abantu b’abakene wishe batagira igicumuro, kand’ utābafashe bamena inzu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 2:34
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi Manase yavishije amaraso menshi y’aberanda, araruha yuzuza Yerusalemu amaraso uhereye ku ruhande rumwe ugashitsa ku rundi; ivyo abigereka ku caha ciwe yakwegeyemw’ Abayuda, ngo bakore ivyo Uhoraho abona kw ari bibi.


n’amaraso y’aberanda yavishije; kuko yujuje i Yerusalemu amaraso y’aberanda; nukw ivyo Uhoraho ntiyemera kubiharira.


Umuntu ni yiba inka cank’ intama, akayibāga cank’ akayishōra, inka az’ ayirihe zitanu, intama ayirihe zine.


Umusuma ni basanga amena, bakamutsindaho, uwamwishe amaraso yiwe ntaz’ amukore.


abītera gushuha muri mu biti vy’ imyeloni no musi y’igiti cose gitotahaye, mukicira abana mu myonga, no mu bihoro vyo mu bitandara?


Kukw amaboko yanyu yandujwe n’amaraso, n’intoke zanyu zandujwe n’ibigabitanyo; iminwa yanyu yama ivuga ibinyoma, n’ururimi rwanyu ruvugira ibibi mu ntamatama.


Ibirenge vyabo vyirukira gukora ikibi, kandi bihutira kuvisha amaraso y’abatācumuye; ivyiyumviro vyabo n’ivyiyumviro vy’ubugāba; kugeseza no guhonnya biri mu nzira zabo.


Kuko bāntaye, bagahumanya aha hantu, bakahoserereza imibavu izindi mana batigeze kumenya, bo na ba sekuruza n’abami b’i Buyuda; bakuzuza aha hantu ibitenga vy’ amaraso y’abatācumuye;


Ewe kuntu ugira amīsīgiranzira kugira ngo bakugomwe! Bitayeko wahavuye wigisha n’abagore b’abanyavyaha ingeso zawe!


Mbega har’ isoni bāgize, bamaze gukora ibizira? Eka nta dusoni na mba, nta n’ukumāramāra. Ni co gituma bazotembana n’abari ku mutembo; igihe nzobāzira bazogwaho, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Batavye ibitabo i Tofeti, ahahanamiye umwonga wa mwene Hinomu, ngo bahosereze abahungu babo n’abakobga babo mu muriro, babatanze kw ibimazi; ar’ ikintu ntābageze, kitigeze no kuza mu mutima wanje.


ni mudahahaza ingenzi cank’ impfuvyi cank’ umupfakazi, ntimuvishirize amaraso y’ūtācumuye aha hantu, ntimugendanire izindi mana, bikababera icago:


Mbega har’ isoni bāgize, bamaze gukora ibizira? Eka nta dusoni na mba, nta n’ukumāramāra. Ni co gituma bazotembana n’abari ku mutembo; igihe nzobazira bazogwaho, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ibiteye isoni vyaho vyashitse no ku myambaro yaho; ntihāri hārībajije ivy’ amaherezo yaho; Ni co catumye hacishwa bugufi bitangaje; ntihagira ūhahūmuriza. Uhoraho we, itegereze umubabaro wanje; kuk’ umwansi yishize hejuru.


Badandabagirana mu nzira zaho nk’impumyi, bihumanishije amaraso, Bituma abantu batagishobora gukora ku myambaro yabo.


Kand’ iyo mushikana amashikanwa, mugatanga abana banyu kw ibimazi ngo boswe mu muriro, ntimuba mwihumanishije ivyo bigirwamana vyanyu vyose, gushitsa na bugingo n’ubu? None noshobora nte ko mwogira ico munsiguza, ga mwebge ab’ inzu ya Isirayeli? Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, nkazogira ico nsiguzwa namwe.


Abaganwa baho bagīriye inama y’ubugarariji hagati muri ho, nk’ukw intambge itabagura ico ihīze: batsontsomeye abantu; banyaze ubutunzi n’ivy’ igiciro; bapfakaje benshi hagati muri ho.


Kand’ abagororotsi ni bo bazobacira urubanza ruberanye n’abasambanyikazi, kandi ruberanye n’abagore b’abicanyi; kukw ar’ abasambanyikazi koko, kand’ amaraso bavishije ari ku ntoke zabo.


Kukw amaraso yaco ari hagati muri co; cayashize ku rutare rugaragara; nticayasutse mw ivu, ngw atwikirwe n’umukungugu.


Maz’ arambarira, at’ Ibigabitanyo vy’inzu ya Isirayeli n’iya Yuda birarengeranye rwose, kand’ igihugu cuzuye ibitenga vy’amaraso, n’igisagara cuzuye kugoreka imanza: kuko bavuga, bat’ Uhoraho yāhevye igihugu, bati Kand’ Uhoraho nta co abona.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ