Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 2:32 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Mbeg’ umwigeme yoshobora kwibagira utugenegene twiwe? Cank’ umugeni yokwibagira umwitwikiro wiwe? Arikw abantu banje bānyibagiye imisi myinshi itoharūrwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 2:32
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nukw izo ngamiya zimaze guhodoka, uwo mugabo yābīra impeta y’izahabu, kuriba kwayo kwar’ igihimba ca shekeli, n’ivyo kumwambika ku maboko bibiri vy’ izahabu, kuriba kwavyo kwari shekeli cumi;


Yari yitegereje impeta na vya bindi vyo ku maboko, ivyo mushiki we yari yambaye, yumvise n’amajambo Rebeka mushiki we amudōndeye, at’ Ivyo ni vyo uwo mugabo ambariye; ni kwo guca aja ah’uwo mugabo ari. Asanga agihagaze i ruhande ya za ngamiya, kw iriba.


Uwo muntu asokorora utugenegene tw’ifeza n’utw’ izahabu, n’impuzu, abiha Rebeka: kand’ aha na musaza we na nyina ibintu vy’igiciro.


Yemwe bakobga b’Abisirayeli, ni muririre Sauli, Yahora abambika impuzu zisa n’agahama, mugashaza, Yashariza impuzu zanyu n’ utugenegene tw’izahabu.


Bibagira Imana, Umukiza wabo, Yakoreye ibikomeye muri Egiputa;


Abanyakibi bazosubizwa i kuzimu, Mbere n’amahanga yose yibagira Imana.


Kuko wibagiye Imana y’agakiza kawe, ntiwibuke igitandara c’inkomezi zawe; ico ni co catumye uteragira interwa zo kwinezereza, ukishingira imizabibu y’ikigirwamana c’akavantara.


Mbeg’ uwo watinya ukamugirira ubgoba ni nde, bigatuma ubesha, ntunyibuke, ng’ ubishirek’ umutima? Mbega simmaze igihe kinini ncereje, si co catumye utanyubaha?


Nzonezererwa cane Uhoraho, umutima wanje uvugirize impundu Imana yanje; kuko yanyambitse imyambaro y’agakiza, akansēsa hejuru umutamana w’ubugororotsi, nk’uk’ umukwe ashazisha igitsibo, kandi nk’uk’ umugeni ashazisha utugenegene twiwe.


Aba bantu b’abanyakibi, uko bākanse kwumva amajambo yanje, bakagendera mu budadarare bg’imitima yabo, bagakurikira izindi mana ngw abe ari zo basaba, bazisenge, bazomera nk’uyu mukanda utakigira ico umaze.


Ivyo ni vyo bizokubako, ni wo mugabane nkugereye, ni jewe Uhoraho mbivuze, kuko wanyibagiye ukizigira ibinyoma.


Yamar’ abantu banje baranyibagiye, boshereje imibavu ibitagira ikimazi; vyatumye batsitara mu nzira zabo, ni zo nzira za kera, ngo bajane inzira zikikamye, inzira zitanoze,


Mbega harih’ ihanga ryigeze gukāba imana zaryo, nah’ atar’ imana nya mana? Arikw abantu banje bo, icubahiro cabo bāgikāvye ibitagira ikimazi.


Ewe kuntu ugira amīsīgiranzira kugira ngo bakugomwe! Bitayeko wahavuye wigisha n’abagore b’abanyavyaha ingeso zawe!


Bibgira ko bokwibagiza abantu banje izina ryanje, babibagirisha inzozi zabo barotora, izo umuntu wese arotorera mugenzi we, nk’ uko ba sekuruza babo bibagijwe izina ryanje na Bayali.


Ijwi rirumvikanira ku mpinga mu ruharabuga, ry’ukurira no kwinginga kw’Abisirayeli, kuko bāgoretse inzira yabo, bakanyibagira jewe Uhoraho Imana yabo.


Muri wewe bābīra ingurire yo kuvisha amaraso; waka ay’ inyungu ku ngurāne, ukāka n’ ibirenzeko, uronka inyungu kuri bagenzi bawe ku gahotoro, ariko jewe waranyibagiye; ni k’Umwami Uhoraho agize.


Kuko Isirayeli yibagiye Umuremyi wiwe, kandi yiyubakiye utunyabugoro; kandi na Yuda yakwiragije ibisagara vyubakiwe inzitiro; ariko nzorekurira umuriro ku bisagara vyiwe, utōngōre n’ibihome vyavyo.


Ariko Yeshuruni amaze kuvyibuha, atēra akagere: Yaravyibushe, arasenyuka, acika igisēme; Maz’ aca areka Imana yamuremye, Akēngēra ca Gitandara c’ agakiza kiwe.


Mbona umurwa wera, Yerusalemu musha, wururuka uva mw ijuru ku Mana, witeguwe nk’uk’ umugeni asharizwa umugabo wiwe.


Maze ntibaba bacibuka Uhoraho Imana yabo, yabakijije akabakūra mu maboko y’abansi babo bose bāri babakikije.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ