Yari yitegereje impeta na vya bindi vyo ku maboko, ivyo mushiki we yari yambaye, yumvise n’amajambo Rebeka mushiki we amudōndeye, at’ Ivyo ni vyo uwo mugabo ambariye; ni kwo guca aja ah’uwo mugabo ari. Asanga agihagaze i ruhande ya za ngamiya, kw iriba.
Aba bantu b’abanyakibi, uko bākanse kwumva amajambo yanje, bakagendera mu budadarare bg’imitima yabo, bagakurikira izindi mana ngw abe ari zo basaba, bazisenge, bazomera nk’uyu mukanda utakigira ico umaze.
Yamar’ abantu banje baranyibagiye, boshereje imibavu ibitagira ikimazi; vyatumye batsitara mu nzira zabo, ni zo nzira za kera, ngo bajane inzira zikikamye, inzira zitanoze,
Muri wewe bābīra ingurire yo kuvisha amaraso; waka ay’ inyungu ku ngurāne, ukāka n’ ibirenzeko, uronka inyungu kuri bagenzi bawe ku gahotoro, ariko jewe waranyibagiye; ni k’Umwami Uhoraho agize.