Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 2:31 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

31 Yemwe runganwe rw’iki gihe, ni murābe ijambo ryanje, jewe Uhoraho. Mbeg’ Abisirayeli nababereye ubugaragwa? Canke se nababereye igihugu c’umwiza w’umuzitanya? N’iki gituma abantu banje bavuga, bati Turidohoye: ntitukigomba kukugarukako?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 2:31
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko Yeshuruni amaze kuvyibuha, atēra akagere: Yaravyibushe, arasenyuka, acika igisēme; Maz’ aca areka Imana yamuremye, Akēngēra ca Gitandara c’ agakiza kiwe.


Mumaze guhāga; mumaze gutunga; mwimye nk’abami, tutarimwo: ereg’ icompa mukaba mwārīmye, kugira ngo natwe twimane namwe.


Ijwi ry’Uhoraho rirasemerera, ribarira igisagara — kand’ umunyabgenge azokwubaha izina ryiwe — riti Ni wumve wa hanga we, nawe koraniro ryo mu gisagara!


Amajambo ya Amosi wo mu bungere b’i Tekowa, y’ivyo yeretswe ku Bisirayeli ku ngoma ya Uziya umwami w’i Buyuda, no ku ngoma ya Yerobowamu mwene Yehowasi, umwami w’Abisirayeli, avyeretswe, hashira imyaka ibiri kwa gutigita kw’isi kuraza.


Ukw imyimiro yabo yar’ iri, ni ko bāhāga; bārahāga, maz’ imitima yabo ikīshira hejuru, bituma bānyibagira.


Sinavugiye mu mpisho, ahantu ho mu gihugu c’umwiza; nta ho nabariye uruvyaro rwa Yakobo, nti Ni mundonderere ubusa. Jewe Uhoraho mvuga ibiroranye, nsigura ivy’ ukuri.


Sinze mpave mpimba nabi, nkakwihakana, nkavuga nt’ Uhoraho n’iki? Kandi noye kuba mworo, ngahava niba, Ngatukisha izina ry’Imana yanje.


Abāvuze, bati Tuzotsindisha indimi zacu, Iminwa yacu kw ar’ iyacu: ūtuganza ni nde?


Umunyakibi kubg’ ubgibone bgiwe aravuga, at’ Eka ntazohōra. Ivyiyumviro vyiwe vyose bihūrira mur’ iri jambo, ngo Nta Mana iriho.


Azariya umuherezi mukuru, umuntu wo mu nzu ya Sadoki, aramwishura, at’ Uhereye igihe abantu batanguriye kuzana amashikanwa mu ngoro y’Uhoraho, twagiye tubona ivyo kurya, tugahāga, tugasigaza vyinshi; kuk’ Uhoraho yahaye abantu biwe umugisha, kand’ ibisāgutse ni vyo ibi bingana birtyo.


Kuko ni namara kubashikana mu gihugu narahiye ba sekuruza babo, igihugu gitemba amata n’ubūki, bakarya, bagahāga, bakadibama; bazohērako bahindukirire izindi mana, bazisabe, bankēngēre, bice isezerano ryanje.


Kuk’ uhereye kera wavunnye ingōgo yawe, ugacagagura imvuto, ukavuga, uti Sinkikugera inyuma! Mbere nta ho utāgiye uryama nka maraya ku musozi wose muremure no musi y’igiti cose gitōtahaye.


Enda ni wirinde, ibirenge vyawe ntibibure inkweto, n’imihogo yawe ntiyume; ariko waravuze, ut’ Oyaye, n’unyiziguruke; kuko jewe ngomwe imana z’inyamahanga, nkaba ari zo nkurikiye.


Ca Gitandara mwavutseko ntimukicibuka: Mwibagiye Imana yabavyaye.


Farawo aramubaza, ati Mbega har’ ico wabuze i wanje cotuma ugomba gusubira i wanyu? Na we aramwishura, ati Nta co; ariko pfa kundekura ngende.


Yamar’ ari bo bābariye Imana, bati Tuve i ruhande, Kuko tutagomba kumenya inzira zawe.


Reka nje ku bakuru, mvugane na bo; kuko bo bazi inzira y’Uhoraho, n’ukuroranya kw’Imana yabo. Ariko na bo nyene bāhūrije inama hamwe kuvuna ingōgo no gucagagura imvuto.


Ni co gituma intambge yo mu kibira izobica, n’ibingira rigendagenda uko buhwibiriye rizobasahura, n’ingwe izotegera ku bisagara vyabo, maz’ ūbisokorokamwo wese atabagurwe; kuk’ ukugabitanya kwabo ari kwinshi, n’ugusubira inyuma kwabo kukaba kurenze urugero.


kugira ngw ab’inzu ya Isirayeli mbafatane ibiri mu mitima yabo, kuko bose twahubanywe kubg’ ibigirwamana vyabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ