30 Nakubise abo mu gihugu canyu, ariko nigoreye ubusa; banse guhaha; inkota zanyu ubganyu zāriritse ba kamenyi banyu nk’intambge itikiza.
Na we arishura, ati Nagize ishaka ryinshi ryawe, Uhoraho Mana Nyen’ ingabo; kukw Abisirayeli bavuye mw isezerano ryawe, bagahomvagura ibicaniro vyawe, kandi bicishije inkota abavugishwa nawe; ni jewe jenyene nsigaye, nanje nyene barangenza ngo banyice.
Arishura, ati Nagize ishaka ryinshi ryawe, Uhoraho Mana Nyen’ ingabo; kukw Abisirayeli bavuye mw isezerano ryawe, bagahomvagura ibicaniro vyawe, kandi bicishije inkota abavugishwa nawe; ni jewe jenyene nsigaye, nanje nyene barangenza ngo banyice.
Bamugīra inama, bamwicisha amabuye bivuye ku cagezwe c’umwami, bamutsinda mu nyubakwa yo ku ngoro y’Uhoraho.
Maz’ uwo mwami Ahazi nyene, igihe aburaniwe arushiriza kuja imbere gucumura k’ Uhoraho,
Ariko bagashinyagurira izo ntumwa z’Imana, bagakēngēra amajambo yayo, bagatwenga abo yavugisha, gushitsa ah’uburake bg’Uhoraho bgabaye ku bantu biwe, butagishobora kugarurwa.
Ariko ntibakwumviye, barakugarariza, bashiburira ivyagezwe vyawe inyuma yabo, bica abavugishwa nawe bāhora babahanura ngo babasubize kuri wewe, bakora ivyo kukuratsa bikomeye.
Mbega n’ubu muracadaramīra ngo mukubitwe, ko mwiyongeranya kugarariza? Umutwe wose urarwaye, umutima wose uradendebukiwe.
Kukw amaboko yanyu yandujwe n’amaraso, n’intoke zanyu zandujwe n’ibigabitanyo; iminwa yanyu yama ivuga ibinyoma, n’ururimi rwanyu ruvugira ibibi mu ntamatama.
Yamar’ abantu ntibāhindukiriye uwabakubise, kandi ntibārondeye Uhoraho Nyen’ ingabo.
N’ukuri numvise Efurayimu yiganyira, ati Warankubise, ndakubitika, mmera nk’inyana itamenyereye ingōgo: mpindukiza mbone guhindukira, kuko wewe ur’ Uhoraho Imana yanje.
Muvugire muri Egiputa, muvyamamaze i Migidoli, muvyamamaze n’i Nofu n’i Tahapanesi, muti Mutonde, mwitegure, kukw inkota yariritse impande zose zigukikije.
Mbeg’ Uhoraho, inyonga zawe ntizitegereza ivy’ ukuri? Warabakubise, ntibābibabara; warabatūbije, banka guhaha: bākomantaje mu maso habo gusumvya ibuye; banse kugaruka.
Ubabgire, ut’ Ubu ni bgo bgoko butumviye Uhoraho Imana yabo, ntibemere kwigishwa: ukuri kurapfuye, kurazimiriye mu kanwa kabo.
Vyatewe n’ivyaha vya ba kamenyi baho, n’ibigabitanyo vy’abaherezi baho, Bāvishirije amaraso y’abagororotsi hagati muri ho.
riti Mwana w’umuntu, ico gihugu ukibgire, ut’ Ur’ igihugu kidatunganye, kitazoronka imvura ku musi w’uburake.
Mu myanda yawe harimw’ ubushakanyi; kuko nagutunganije, ntutungane, nta ho uzokwongera gutunganywa ng’uvekw imyanda yawe, gushitsa aho nzoba nkwimazekw ishavu ryanje.
Ivyo vyago vyose vyadushitseko nk’uko vyanditswe mu vyagezwe vya Mose; yamara nta ho twinginze Uhoraho Imana yacu ngw idutunge, canke ngo tureke n’ibigabitanyo vyacu, ngo tumenye ivy’ ukuri kwayo.
Ntiwumviye ijwi riwubarira, ntiwemeye guhanūrwa, ntiwizigiye Uhoraho, ntiwiyegereje Imana yawo.
Muzobona ibara, mwebge abanyabgenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo, mwa ndyarya mwe, kuko mwubakira imva z’abāvugishwa n’Imana, mugashariza ivyibutso vy’abagororotsi,
Ni nde mu bavugishijwe n’Imana ba sogokuruza banyu batāhamye? Bishe abābanje kumenyekanisha ivyo kuza kwa wa Mugororotsi, none namwe mwaramuguze muramwica:
bishe Umwami Yesu n’abāvugishwa n’Imana, kandi natwe bāratwirukanye, ntibānezereje Imana, barwanya abantu bose;
Abantu bababurwa n’indugumba nyinshi, barogota kw izina ry’Imana igaba ivyo vyago, ntibihana ngo bayihimbaze.