Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 2:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Nk’ukw igisuma kimāramāra iyo gifashwe, ni ko n’ab’ inzu ya Isirayeli bazomāramāra, bo n’abami babo n’abaganwa babo n’abaherezi babo na ba kamenyi babo;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 2:26
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhereye mu bihe vya ba sogokuruza twamye dukora ibidutsinda vyinshi cane, gushitsa na bugingo n’ubu; kand’ ibigabitanyo vyacu ni vyo vyatumye twe n’abami bacu n’ abaherezi bacu tugaburwa mu maboko y’abami bo mu bindi bihugu, tukagenda twicwa n’ inkota, tukajanwa tur’ imbohe, tukanyagwa utwacu, tukaba ibimāramāre nk’uko bimeze uyu musi.


Abasenga ibishushanyo bibājwe, Bakirata ivy’ ubusa, ni bamāramāre: Ibigirwamana vyose biramwunamira.


Kuko muzomāramāzwa n’ibiti vy’imyeloni mwishimiye, kandi muzokwumizwa n’ibigabiro mwashimye;


Ereg’ abo bafatanije bose bazomāramāra; kand’ abo bahinga n’abantu buntu: bose ni bakoranire hamwe, baze ahabona; bazogira ubgoba, bamāramārire hamwe.


Abaryohora ibishushanyo bibājwe bose n’ubusa; n’ ibintu vyabo vy’igikundiro nta co bizomara, n’ivyabona vyabo ubgavyo nta co bibona, nta co bimenya; kugira ngo bamāramāre.


Ukubagiranira iki guhindura inzira yawe? Egiputa hazogutētereza, nk’uko Ashuri hagutētereje.


Umuyaga ni wo uzoragira abungere bākuragira bose, kand’ abūzure bawe bazoja mu mugozi: bibaye birtyo ntuzobura gutētērwa no kumāramāra kubg’ ibibi vyawe vyose.


kubg’ ibibi vyose Abisirayeli n’Abayuda bakoze kugira ngo bantere ishavu, bo n’abami babo n’abaganwa babo n’abaherezi babo, na ba kamenyi babo n’abagabo b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu.


Maze kur’ uwo musi, umutima w’umwami uzoranduka, n’imitima y’abaganwa, ni jewe Uhoraho mbivuze; kand’ abaherezi bazokwumirwa, ba kamenyi batangare.


None Isirayeli ntiwamugize agatwengo? Mbega yabonetsek’ ubusuma? Kuk’ uk’ umuvuga kwose uzunza umutwe.


kugira ng’ ukorwe n’isoni wewe ubgawe, umāramāzwe n’ivyo wakoze vyose, kuko wabaremesheje.


Abaherezi baho bishe ivyagezwe vyanje ku manyama, bazirūye ivyera vyanje: ntibashize itandukaniro hagati y’ivyera n’ibitar’ ivyera, canke ngo bamenyeshe abantu uko bakwiye gutandukanya ibihumanye n’ibidahumanye, kandi n’amasabato yanje barayirengagije; nuko nsigaye nkēngēretse muri bo.


Ndawurekuye, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, winjire mu nzu y’umusuma no mu nzu y’ūrahira izina ryanje ibinyoma; uzoguma hagati mu nzu y’ūmeze artyo, uyitikizanye n’ibiti n’amabuye biyubatse.


None rer’ ico gihe mwari n’imbuto ki mu bibamāramāza ubu? Kukw amaherezo yavyo ar’ urupfu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ