Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 2:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Kuk’ uhereye kera wavunnye ingōgo yawe, ugacagagura imvuto, ukavuga, uti Sinkikugera inyuma! Mbere nta ho utāgiye uryama nka maraya ku musozi wose muremure no musi y’igiti cose gitōtahaye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 2:20
50 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yerobowamu ashinga ko haba umusi mukuru mu kwezi kw’umunani, ku musi wakwo w’icumi na gatanu, uhwanye n’umusi mukuru bāgira i Buyuda, yosereza ibimazi ku gicaniro; n’i Beteli ni ko yabigenza, aha ibimazi vya bishushanyo vy’amamasa yacurishije. I Beteli ahashira abaherezi b’ivyo bitabo yatabishije ku mpinga z’ imisozi.


Kuko bītabiye ibitabo, bagashinga n’amabuye kw inkingi, bo n’inkingi bashingiye Ashera, ku musozi muremure wose no musi y’igiti cose gitotahaye.


Abakūra mu mwiza no mu gitūtu c’urupfu, Aca iminyororo yabo.


Bati Ngo ducagagure imvuto bātubohesheje, Dute kure ingoyi bādushizemwo.


Kuko bayirakishije ibitabo vyabo bātavye ku mpinga z’imisozi, Bayiteje ifūhe ibishushanyo vyabo vy’ibigirwamana.


Abantu bose bamwishurira icarimwe, bat’ Ivyo Uhoraho avuze vyose tuzobikora. Nuko Mose asubirana k’Uhoraho amajambo y’abantu.


Mose araza, abgira abantu amajambo yose y’Uhoraho n’ amabgirizwa yiwe yose: abantu bose bamwishurira icarimwe, bat’ Ivyo Uhoraho avuze vyose tuzobikora.


kandi mmanukanywe no kubarokora, mbakūre mu maboko y’ Abanyegiputa, mbadūgane, mbakūre mur’ ico gihugu, mbajane mu gihugu ciza cāgutse, gitemba amata n’ubūki, kibamw’ Abanyakanani, n’Abaheti, n’Abamori, n’Abaferizi, n’Abahiwi, n’Abayebusi.


Eh’ ukuntu umurwa wizigirwa ucitse maraya; ahāhora huzura imanza ziroranye, hakaba i wabo w’ubugororotsi, none hasigaye ar’ ah’ abicanyi.


Kandi kur’ uwo musi imitwaro bābaremēka izobava ku bitugu, n’ingōgo bābambika mu mazosi zizovunwa. Baradūze bavuye i Rimoni;


nzovunagurira Abashuri mu gihugu canje, kandi nzobasiribangira mu misozi yanje miremire: ni ho ingōgo yiwe izobavako, n’imitwaro yabakorera ibave ku bitugu.


Kukw igiti c’ingōgo bāmuremēka, n’ubuhiri bāmukubita mu butikorwa, n’inkoni y’uwamuhahaza, wabivunaguye nko kuri wa musi w’Abamidiyani.


Nabonye ibizira vyawe, ni bgo busambanyi bgawe, n’ukuroherana kwawe, ni bgo bushakanyi bg’ubusambanyi bgawe, ku misozi no ku gahinga. Uzobona ibara, ewe Yerusalemu! Ko wanse kwezwa: mbeg’ uzogeza ryari?


abana babo bibuka ibicaniro vyabo, n’ibigirwamana vyabo vya Ashera vyashinzwe i ruhande y’ibiti bitotahaye ku misozi miremire.


Yemwe runganwe rw’iki gihe, ni murābe ijambo ryanje, jewe Uhoraho. Mbeg’ Abisirayeli nababereye ubugaragwa? Canke se nababereye igihugu c’umwiza w’umuzitanya? N’iki gituma abantu banje bavuga, bati Turidohoye: ntitukigomba kukugarukako?


Pfa kwemera gusa ukugabitanya kwawe, ko wancumuyeko, jewe Uhoraho Imana yawe, ugakwiragira irya n’ino ku mana z’inyamahanga musi y’igiti cose gitōtahaye, ntiwumvire ijwi ryanje, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Maze kur’ uwo musi, ni jewe Uhoraho Nyen’ ingabo mbivuze, nzovuna ingōgo bambitswe, ndayikūre kw izosi ryabo, ncagagure imvuto baboheshejwe; kandi ntibazoba bakijakarira amahanga:


Reka nje ku bakuru, mvugane na bo; kuko bo bazi inzira y’Uhoraho, n’ukuroranya kw’Imana yabo. Ariko na bo nyene bāhūrije inama hamwe kuvuna ingōgo no gucagagura imvuto.


Kandi wigize maraya ku Bashuri, kuk’ ur’ intashirwa; mbere wigize maraya kuri bo, yamara na ho nyene ntiwashirwa.


ko wiyubakiye akanyabugoro ahibonekeza mu mayirabiri yose, ugataba ibitabo vyawe ku nzira zose; mbere ntiwabaye nka maraya, kuk’ utārinda no guhērwa.


Amazu yawe bazoyatongoza umuriro, bagushitsekw iteka uciriweko, abagore benshi babirorēra; nanje nzozimiriza ugusambana kwawe, kandi ntuzokwongera gutanga impēra yakwo ukundi.


kuko, mmaze kubashitsa mu gihugu, ico narahiye mmanitse ukuboko ko nzobaha, uko babonye umusozi wose muremure n’igiti cose gitotahaye, baciye bahatangira ibimazi vyabo, baba ari ho bashikanira ishikanwa ryabo ryo kundatsa; ni ho batangiye ibizana imibabge imota neza, bakahasukira amashikanwa yabo y’ibiturire.


Maze, Ohola amaze kuba uwanje, acika maraya; kandi yagomwa abūzure biwe, ni bo Bashuri, ababanyi biwe;


Igihe Uhoraho yatangura kuvugisha Hoseya ubga mbere, aramubarira, ati Genda, wābīre umugore maraya afise abana b’abasambanano: kukw iki gihugu cagize ubumaka bukomeye bgo kureka Uhoraho.


nyina akaba yarīhinduye maraya, uwabavyaye akaba yarakoze ibiteye isoni: kuko yavuze, ati Ndikurikirira abūzure banje, bampa ivyo ndya n’ivyo nnywa, bakampa ubgoya bg’intama n’ipampa, bo n’amavuta n’ibinyobga.


Maze ndamubarira, nt’ Uzomara imisi myinshi undorereye; ntuz’ uje mu busambanyi, ntuz’ uje ku wundi mugabo wese: nanje nzokumerera ntyo.


Bacumitira ibimazi ku mpinga z’imisozi, bakosereza imibavu ku turambi, musi y’ibiti vy’imyeloni n’ivy’ imilebeni n’ivy’ imyela, kuko bigira ibitūtu vyiza; ni co gituma abakobga banyu bīgira ba maraya, n’abakazana banyu bagasambana.


Sigaho kunezerwa, ewe Isirayeli, nk’ukw abanyamahanga bīnezererewe; kuko wīgize maraya, ukava ku Mana yawe, wakunze impēra z’ubumaraya ku mbuga zose zanikira impeke.


Ni jewe Uhoraho Imana yanyu, nabakūye mu gihugu ca Egiputa, kugira ngo ntimube abagurano babo; navunnye ibiti vy’ingōgo vyababoshe, mbaha kugenda mwemye.


Mber’ ubu ngira mvune ingōgo yiwe ikuveko, mvutagure n’imvuto zikuboshe.


Ntimuze mubure gusangangura ahantu hose aho ayo mahanga mugiye kwirukana yahora asengera ibigirwamana vyabo, ari ku misozi miremire, ari ku mirambi, ari musi y’igiti cose gitōtahaye.


Kand’ uze wibuke yuko nawe wari mu buja mu gihugu ca Egiputa, Uhoraho Imana yawe akakugobōtora: ni co gitumye uyu musi ndakugera ivyo.


Uyu musi mwātuye yuk’ Uhoraho ari we Mana yanyu, kandi ko muzogendera mu nzira ziwe, mukitondera amabgirizwa yiwe n’ivyagezwe vyiwe n’amatēka yashinze, mukamwumvira.


Ariko mweho, Uhoraho yarabashīngūye, abakūra muri rya tanure rivugutira ivyuma, ari ryo Egiputa, kugira ngo mumubere abantu yiharije, nk’uko biri n’ ubu.


Canke hīgeze kuba imana yagerageje gushingūra ihanga, ikarikūra hagati mu rindi, irikūjeyo kurekura ibigerageza, n’ibimenyetso n’ibitangaza, n’intambara, irikūjeyo n’ ukuboko kw’inkomezi kandi kubanguye, n’ibiteye ubgoba bihambaye, nk’ivyo Uhoraho Imana yanyu yabakoreye muri Egiputa muvyibonera?


Muti Ba ari wewe wēgēra, wumve ivyo Uhoraho Imana yacu avuga vyose; uheze utubarire ivyo Uhoraho Imana yacu akubarira vyose, natwe tuzovyumvira, tuvyitondere.


Na bo bishura Yosuwa, bat’ Ivy’ utubariye vyose tuzobikora, kand’ ah’ uzodutuma hose tuzojayo.


Abantu bishura Yosuwa, bat’ Uhoraho Imana yacu ni we dusavye, kandi tuzomwumvira.


Nuko Yosuwa yandika ayo majambo mu gitabo c’ivyagezwe vy’Imana; yābīra ikibuye kinini, agishinga musi y’igiti c’umweloni kibangikanye n’Ahēra h’Uhoraho.


Haza umwe wo muri ba bamarayika ndwi bari bafise za nzavya ndwi, avugana nanje, arambgira, ati Ngwino nkwereke iteka rizocirwa maraya w’agahebuza, yicaye kw iteraniro ry’amazi menshi.


Maz’ Abisirayeli bongera gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, basaba za Bayali na za Ashitaroti, n’imana z’i Siriya n’iz’ i Sidoni n’iz’ i Mowabu n’iz’ Abamoni n’iz’ Abafilisitiya; bata Uhoraho, ntibaba bakimusaba.


Maz’ Abisirayeli bakora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, basaba za Bayali;


Uko ni ko bātaye Uhoraho, bagasaba Bayali na Ashitaroti.


Maze batakambira Uhoraho, bati Twaracumuye, kuko twaguhevye, ewe Uhoraho, tugasaba za Bayali na Ashitaroti; bati Non’ uturokore, udukūre mu maboko y’abansi bacu, abe ari wewe dusaba.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ