Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 2:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 riti Genda usemererere mu matwi y’ab’ i Yerusalemu, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Nibuka urukundo rwo mu buto bgawe, n’ukuntu wannogera ukir’ umugeni; ukuntu wankurikiye mu bugaragwa, no mu gihugu kitigeze kubibgamw’ imbuto.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 2:2
39 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bāmbabaje kenshi, uhereye mu buto bganje, Abe ari kw Abisirayeli bavuga none:


Nukw Abisirayeli babona ibihambaye Uhoraho yakoreye Abanyegiputa: baca batinya Uhoraho, baramwizera, bo n’umusavyi wiwe Mose.


Mose arababgira, at’ Ivyo murabibona igihe Uhoraho aja kubaha inyama zo kurya kur’ uyu mugoroba, mu gitondo akazobaha umutsima, mukarya mugahāga; kuk’ Uhoraho yumvise imyidodombo yanyu mumwidodombera; natwe twar’ iki? erega si twebge mwidodombera, mwidodombera Uhoraho.


Bgenge arangururira ijwi mu nzira; Ashirira ijwi hejuru ahiyaguye;


Yemwe bakobga b’i Siyoni, ni musohoke murābe umwami Salomo, Afise igitsibo yambitswe na nyina ku musi w’ubukwe bgiwe, Ni wo musi w’umunezero w’umutima wiwe.


Uriya ni nde, adūga avuye mu bugaragwa Ameze nk’umwotsi upfunduka nk’inkingi, Atāmirana isenga n’imibavu, N’ibimota neza vyose vy’ ibidandazwa?


Semerera cane, woye kwigarura; rangurura ijwi ryawe nk’inzamba, ubarire abantu banje ibicumuro vyabo, n’inzu ya Yakobo ivyaha vyabo.


Maz’ Uhoraho arambarira, ati Tāngāza aya majambo yose mu bisagara vy’i Buyuda, no mu nzira z’i Yerusalemu, uti Ni mwumve amajambo y’iri sezerano, muyitondere.


ugende ushike mu mwonga wa mwene Hinomu, aherekeye mw ishikiro ry’irembo ry’ababumvyi, uhavugire amajambo nkubarira:


Ko batārushe bībaza, bat’ Uhoraho ari hehe, yadukūye mu gihugu ca Egiputa, akaturōngōra mu bugaragwa, no mu gihugu c’ubgeranyange kirimw’ ivyobo, mu gihugu kigadutse c’igitūtu c’urupfu, mu gihugu kidacamw’ abantu, ata muntu n’umwe ahaba?


Mbe ntiwoca uhēra ubu ukantakambira, uti Muvyeyi wanje, ni wewe wandōngōra mu buto bganje?


riti Hagarara mu kirimba kirora ku ngoro y’Uhoraho, uhatāngārize iri jambo, uti Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge mwese b’i Buyuda, abaca mur’ ibi birimba ngo musenge Uhoraho.


Mbega mur’ ivyo bizira vyawe vyose n’ubumaka bgawe, ntiwarushe wibuka imisi yo mu buyoya bgawe, igihe wari gusa ur’amēnya, ukumbagara mu bisanza vy’amaraso?


Yamara nzokwibuka isezerano nasezeranye nawe mu gihe c’ubuto bgawe, kandi nzogushirirah’ isezerano ry’ibihe bidashira.


Maze ndaguserukako, ndakwitegereza, mbona yuk’ ushitse mu gihe uteye igomwe; maze ngutērerak’ umwambaro wanje, nambika ubgambure bgawe; mbere narakurahiye, nsezerana nawe isezerano, ucika uwanje, ni k’ Umwami Uhoraho agize.


Yamara yakomeje kugwiza ubumaka bgiwe, yibuka imisi yo mu buto bgiwe, igihe yīgira maraya mu gihugu ca Egiputa.


maze basambanira muri Egiputa; bahēreye gusambana bakir’ inkumi; aho ni ho amabere yabo yakabakabiwe, amabere yabo yo mu bukumi bakayakorakora.


Kandi ntiyaretse ubumaka bgiwe yagize uhereye ari muri Egiputa; kuko mu buto bgiwe bāryamanye na we, bagakorakora ku mabere yo mu bukumi bgiwe, kandi bakamugwizak’ ubusambanyi bgabo.


Isirayeli uhereye akir’ umwana naramukunda, maze mpamagara uwo mwana wanje ngw ave muri Egiputa.


Nzohamukomōrera imizabibu yiwe, ndamuhe ca kiyaya c’i Akori ngo kimubere irembo ry’ivyizigiro: na we azoharirimbira, nko mu gihe c’ubuto bgiwe, nko mu gihe yadūga, avuye mu gihugu ca Egiputa.


Kuko nzokūra mu kanwa kiwe amazina ya za Bayali, kandi n’amazina yazo ntazokwongera kwibukwa ukundi.


Azokwirukira abūzure biwe, ariko ntabahamvye, azobarondera, ariko ntababone. Ni ho azovuga, ati Hinge nsubire ku mugabo wanje wa mbere, kuk’ ubga mbere nari mmerewe neza kuruta ubu.


Shira inzamba ku munwa! Araje nk’inkukuma, gutera ingoro yanje, jewe Uhoraho! Kuko bishe isezerano ryanje, bagacumura ku vyagezwe vyanje.


Igihe nabona Abisirayeli, bari bameze nk’inzabibu ziri mu bugaragwa; ba sogokuruza nababonye bameze nk’insukoni z’isega zo ku musukoni ugitangura kwama: ariko bāgiye kuri Bayali y’i Peyori, bīyegurira ako gatētereza, bahinduka umuziro nk’ico nyene bakunze.


riti Va hasi uje i Ninewe, ca gisagara kinini, ukibūrire; kukw ivyaha vy’abaho vyarundanye, bigashika imbere yanje.


Maz’ umuntu wo mw ishengero aramubgira, ati Mwigisha, mbaririra mwene mama tugabure umwandu.


Uti Kuko we, Uhoraho Imana yanyu, yama abaha umugisha mu bikorwa vyanyu vyose; uti Kukw azi ivy’ urugendo rwanyu rwo mur’ ubu bugaragwa buhambaye; uti Kand’ ubgiwe, Uhoraho Imana yanyu, yabanye namwe iyi myaka ukw ari mirongwine, nta kintu mwakennye.


N’ivy’ ukuri arakunda amahanga, Abera biwe bose bari mu kuboko kwiwe, Bicaye hambavu y’ibirenge vyiwe, Umuntu wese yumva amajambo yiwe.


Kandi muze mwibuke urugendo rwose rwo mu bugaragwa Uhoraho Imana yanyu yabarōngōyemw’ iyi myaka ukw ari mirongwine; kugira ngw abacishe bugufi, abagerageze, amenye ibiri mu mitima yanyu, yuko muzokwitondera ivyagezwe vyiwe canke ko mutazovyitondera.


Yemwe basambanyi, ntimuzi yuko gucudika n’isi ar’ ukwankana n’Imana? Nuk’ umuntu wese agomba kuba incuti y’isi aba yīgize umwansi w’Imana.


Ariko mfise ico nkugayako, yuko waretse urukundo rwawe rwa mbere.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ