18 None rero n’iki kikujanye mu nzira ija muri Egiputa, ukaja kunywa amazi ya Shihori? Canke n’iki kikujanye mu nzira ija muri Ashuri, ukaja kunywa amazi ya rwa Ruzi?
Ico gihe umwami Ahazi atuma ku mwami w’i Ashuri ngw amutabare,
ku mazi menshi; inyungu zanyu zar’ impeke zivuye kuri Shihori, n’ivyimburwa vyo kuri Nili; mwabaye abadandaza b’amahanga.
Bazobona ibara, abamanuka baja muri Egiputa gutabaza, bakishimira amafarasi, bakizigira imikogote ikwegwa n’ amafarasi kukw ari myinshi, bo n’abagendera ku mafarasi kukw ar’ abanyenkomezi nyinshi, ariko ntibashire umutima ku Wera w’Abisirayeli, kandi ntibarondere Uhoraho.
Kur’ uwo musi Uhoraho azomwa ku mutwe n’ubgoya bgo ku mubiri, abimweshe urupfuhe rutiwe ku mahera, ruba hakurya y’uruzi, ni rwo mwami w’i Ashuri, mbere ruzonatōtōra n’ubganwa.
Ukubagiranira iki guhindura inzira yawe? Egiputa hazogutētereza, nk’uko Ashuri hagutētereje.
Uzogeza ryari kwāngāra irya n’ino, ewe mukobga wasubiye inyuma? Kuk’ Uhoraho yaremye ikintu gisha mw isi, k’umugore azozigama umugabo.
Amaso yacu yakobowe no kurereka ugutabarwa kwacu, kand’ ata co bitumariye: Mu kurereka kwacu twiteze ihanga ridashobora gukiza.
Twakomeye amashi Abanyegiputa, N’Abashuri kugira ngo turonke utwo kurya two kwisama.
Kandi wigize maraya ku Bashuri, kuk’ ur’ intashirwa; mbere wigize maraya kuri bo, yamara na ho nyene ntiwashirwa.
Yamar’ aramugarariza, atuma intumwa ziwe muri Egiputa, gusaba ngo bamuhe amafarasi n’ingabo nyinshi. Mbeg’ ūkora ibisa birtyo azororanirwa, canke se arokoke? Yokwica isezerano kand’ akarokoka?
Ivyo ni vyo uzogirirwa, kukw amahanga wayahurumbiye nk’ikimaka, ukanduzwa n’ibigirwamana vyayo.
Igihe Efurayimu yabonye indwara yiwe, na Yuda abonye uruguma rwiwe, ni ho Efurayimu yagiye muri Ashuri, agatuma ku mwami Yarebu; yamara ntazoshobora kubakiza, canke ngw avūre uruguma rwabo.
Efurayimu ni nk’inuma y’ikizēze, itagira ubgenge: batakambira Egiputa, bakaja no muri Ashuri.
uhēreye ku ruzi Shihori rurābana na Egiputa, gushitsa ku rubibe rw’i Ekuroni ahahera i burārūko, ahavugwa kw ar’ ah’ Abanyakanani: kand’ abaganwa batanu b’Abafilisitiya n’aba: uw’i Gaza, n’uw’i Ashidodi, n’uw’i Ashikeloni, n’uw’i Gati, n’uw’i Ekuroni; bo n’igihugu c’Abavimu,