Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 2:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Abantu b’i Nofu n’i Tahapanesi bākujonjanze agahanga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 2:16
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mut’ Erega wishimiye ya nkoni y’irenga rivunitse, ni ryo Egiputa, umuntu yoryishimikiza, ryomutobekeranya ikiganza. Mut’ Uko ni ko Farawo umwami wa Egiputa amerera abamwishimiye bose.


Bukeye Farawo‐neko amuta mu ngoyi amubohera i Ribula mu gihugu c’i Hamati, amukūra ku ngoma i Yerusalemu; igihugu ciwe agicira iciru c’italanto ijana z’ifeza n’italanto imwe y’izahabu.


Abaganwa b’i Sowani bacitse ibipfu, n’abaganwa b’i Nofu barasutswe, ni bo bājimije Egiputa, kand’ ari bo buye rigumya imfuruka ry’amoko yaho.


turacumura kandi twihakana Uhoraho, duta inzira tukareka gukurikira Imana yacu, tukavuga ivy’ agahahazo n’ubugarariji; dusama inda y’ ibinyoma, tukabivuga biturutse mu mutima.


kand’ azosēndēra ashike i Buyuda: azosendanisha ahahitane, ashike no mw izosi ry’umuntu; kandi gusanza amababa kwiwe kuzokwira igihugu cawe cose, yewe Imanuweli.


Ijambo ryaje kuri Yeremiya ku vy’ Abayuda bose bāba mu gihugu ca Egiputa, bāba i Migidoli, n’i Tahapanesi ni Nofu no mu ntāra y’i Patirosi,


Muvugire muri Egiputa, muvyamamaze i Migidoli, muvyamamaze n’i Nofu n’i Tahapanesi, muti Mutonde, mwitegure, kukw inkota yariritse impande zose zigukikije.


Ewe wa mukobga wibereye muri Egiputa, witegure kujanwa kw inyagano; kukw i Nofu hazohinduka amatongo, hazotongorwa, hasigare ata wukihaba.


Abāhunze basigaye ata nkomezi mu gitūtu c’i Heshiboni: arik’ umuriro uturutse i Heshiboni, urubeya ruturutse hagati y’i Sihoni, rutongoye impande z’i Mowabu, n’igitwariro c’abanyamuvurungano.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati N’ibigirwamana na vyo nzobihonnya, kandi nzoherengeteza ibishushanyo muri Nofu; nta muganwa azosubira kuboneka mu gihugu ca Egiputa; kandi nzoshira ibiteye ubgoba mu gihugu ca Egiputa.


Na Egiputa nzohanda umuriro; muri Sini hazoba kwembemba kwinshi, no muri No hazosangangurwa; kand’ i Nofu hazotsindwa n’abansi ku murango w’amaminangohe.


Ehe rāba bahunze kugesezwa, yamara Egiputa hazobarundarunda, bazohambga i Mofu; ibintu vyabo vy’amafeza vyabahimbara bizorengwako n’ibisuru; n’amahwa azomera mu ngo zabo.


Aba Gadi abavugako, At’ Aragahezagirwa uwāgurira Gadi: Abunda nk’intambge y’ingore, Atabagura amaboko no mu gitwariro.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ