Mut’ Erega wishimiye ya nkoni y’irenga rivunitse, ni ryo Egiputa, umuntu yoryishimikiza, ryomutobekeranya ikiganza. Mut’ Uko ni ko Farawo umwami wa Egiputa amerera abamwishimiye bose.
Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati N’ibigirwamana na vyo nzobihonnya, kandi nzoherengeteza ibishushanyo muri Nofu; nta muganwa azosubira kuboneka mu gihugu ca Egiputa; kandi nzoshira ibiteye ubgoba mu gihugu ca Egiputa.
Na Egiputa nzohanda umuriro; muri Sini hazoba kwembemba kwinshi, no muri No hazosangangurwa; kand’ i Nofu hazotsindwa n’abansi ku murango w’amaminangohe.