14 Mbega Isirayeli n’umuja yaguzwe? Mbega yavukiye mu buja? None n’iki gitumye acika inyama z’ibisīga?
Arongera, at’ Erega nta ruvyaro wampaye, kand’ umunyarugo yavukiye i wanje ni we azotora ivyanje.
Icagezwe ni kimwe ku mvukira no ku munyamahanga yaje kuba muri mwebge.
Kand’ uz’ ubarire Farawo, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Isirayeli n’umwana wiwe w’imfura:
niguriye abagurano b’ abagabo n’abakobga, bavyarira abandi mu rugo rwanje; kandi nagize itunga ryinshi ry’amasho n’ imikuku kurusha abāntanguriye bose i Yerusalemu;
Uku ni k’Uhoraho abaza, at’ Icete c’uko tuvavanuye na nyoko, ico namwirukanishije, kiri hehe? Cank’ uwo narīriye umwenda ngatanga mwebge ngo mube inyishu, ari hehe? Ereg’ ukugabitanya kwanyu ni kwo kwatumye mutangwa, kand’ ibicumuro vyanyu ni vyo vyirukanishije nyoko.
Kandi nawe uzohomba ishamvu yawe naguhaye, ari wewe uvyihamagariye; nzotuma ukorera abansi bawe uri mu gihugu utazi, kuko mwadometse umuriro w’uburake bganje uzokwaka gushitsa ibihe vyose.
Maz’ igihe bazobaza, bati Mbeg’ Uhoraho Imana yacu ivyo vyose yabidukoreye ku ki? nawe ni ho uzobabarira, uti Nk’uko mwataye Imana, mugakorerera imana z’inyamahanga mu gihugu canyu, uko ni ko muzokorerera abanyamahanga mu gihugu kitar’ icanyu.