Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 2:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Mbega harih’ ihanga ryigeze gukāba imana zaryo, nah’ atar’ imana nya mana? Arikw abantu banje bo, icubahiro cabo bāgikāvye ibitagira ikimazi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 2:11
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ngw Abitewe n’uko bāmutaye, bakaja gusenga Ashitoreti imanakazi y’Abasidoni, na Kemoshi imana y’Abanyamowabu, na Milikomu imana y’Abamoni; ntibagendere mu nzira ziwe, ngo bakore ivyo abona ko bibereye, bitondere amabgirizwa yiwe n’ivyagezwe vyiwe, nk’uko Dawidi se wa Salomo yagenza.


Maz’ umumarayika w’Uhoraho abarira Eliya w’i Tishubi, ati Va hasi, uje guhūra n’intumwa z’umwami w’i Samariya, uzibaze, uti Mbeg’ icatumye muja kuri Bayali‐zebubi iyo mana y’i Ekuroni kuraguza, n’ ukw ata Mana yariho mu Bgisirayeli?


Mbega ntimwirukanye abaherezi b’Uhoraho bo mu ba Aroni, n’Abalewi, mukīronderera abandi baherezi nk’ ukw imigenzo y’amahanga yo mu bindi bihugu imeze? Ereg’ ūpfuye kwihitanira imasa y’umukangara n’amasuguru ndwi y’intama ngw arobanurwe, muca mumwemerera ubuherezi bg’imana zitar’ Imana!


Uko ni ko bākāvye icubahiro cabo Igishushanyo c’impfizi irisha ubgatsi.


Ibigirwamana vyabo n’ifeza n’izahabu, N’ibikorwa n’amaboko y’abantu.


Yamara wewe, Uhoraho, ur’ inkinzo inkīngira, Ur’ icubahiro canje, ni wewe ushira hejuru umutwe wanje.


bātereye imana zabo mu muriro; ariko ntizar’ imana nya mana, zar’ izakozwe n’intoke z’abantu mu biti no mu mabuye; ni co catumye bazihonnya.


Mbega kare ho har’ uwokwironkera izitwa imana, kandi zitari zo?


Nuko rero, uku ni k’Uhoraho agize, at’ Enda ni mubaze mu mahanga ko hoba har’ uwumvise ibimeze birtyo; inkumi, ni yo Bisirayeli, yakoze ibibi vy’ubuyobe.


uku ni k’Uhoraho agize, ati N’ibigabitanyo ki ba sogokuruza banyu bānsanganye, ko bāngiye kure, bagakurikira ibitagira ikimazi, na bo ubgabo bagahinduka imburakimazi?


Abaherezi ntibārushe bībaza, bat’ Uhoraho ari hehe? N’abafise ibango ry’ivyagezwe ntibāmmenye; abaragiye igihugu bārancumuyeko, kand’ abo nari kuvugisha basigaye bavugishwa na Bayali, bakurikira ibitagira ikimazi.


Mbega noshobora nte kuguharira? Abana bawe barantaye, bīrahira izitar’ imana; mpejeje kubagaburira bagahāga, bāciye basambana, barema inteko i wabo w’abasambanyikazi.


kugira ngw ab’inzu ya Isirayeli mbafatane ibiri mu mitima yabo, kuko bose twahubanywe kubg’ ibigirwamana vyabo.


Nuko rero, uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, ati Kuko mur’ abanyamivurungano kurusha amahanga abakikije, kandi mukaba mutāgendeye mu vyagezwe vyanje, ntimwitondere n’amabgirizwa yanje, canke ngo mukore n’ivyo amabgirizwa y’amahanga abakikije yashinze:


Kukw ayandi mahanga yose azogenda, ihanga ryose rigendere mw izina ry’imana yaryo, ariko tweho tuzogendera mw izina ry’Uhoraho Imana yacu gushitsa ibihe bitazoshira.


icubahiro c’Imana idapfa baragikāba ngo basenge ibishushanyo bisa n’umuntu apfa, n’ivy’ ibiguruka n’ivy’ ibigenza amaguru ane n’ivy’ ibikwega inda hasi.


Nuko, ku vyo kurya ivyaterekerejwe ibigirwamana, turazi yukw igishushanyo atar’ ikintu mw isi, kandi yukw ata mana yindi iriho, atar’ Imwe.


Arikw ico gihe, kuko mutāri muzi Imana, mwari mujakariye imana zitari zo uhereye mu kameremere kazo:


Bayiteye kugira ifūhe kubgo gusaba imana z’inyamahanga, Bayirakishije ibizira bakoze;


Ati Bantēje ifūhe ibitar’ Imana; Bandakishije ibigirwamana vyabo vy’ubusa: Nuko nanje nzobatēza ishari abatar’ ihanga ry’ukuri, Nzobarakisha ihanga ry’imburabgenge.


Yemwe Bisirayeli, murahiriwe! N’ihanga ki rihwanye namwe kuba ihanga ryarokowe n’Uhoraho, Ari we nkinzo ibakingira, ikabakiza, Ari we nkota ibubahiriza? Abansi banyu bazoza babakomere ibōbo, Namwe muzosiribanga ibitabo vyabo batavye ku mpinga z’imisozi.


Muzi yukw ivyo mwacungujwe ngo muve mu ngeso zanyu z’imburakimazi mwatojwe na ba sogokuruza atar’ ibishira, nk’ifeza cank’ izahabu,


Yita uwo mwana Ikabodi; at’ Icubahiro kirashize mu Bisirayeli. Icatumye avuga artyo n’ukw isandugu y’ Imana yafashwe mpiri, kandi n’ uko sebukwe n’umugabo wiwe bāpfuye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ