Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 2:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Enda ni mujabuke ku bizinga vy’i Kitimu, murābe; mutume i Kedari, mwitegereze mushirutse umwete; murābe ko higeze kuboneka ikintu nk’iki.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 2:10
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aya ni yo mazina ya bene Ishimayeli, ayo bitwa nk’uko bakurikiranye: imfura ya Ishimayeli ni Nebayoti, hakurikira Kedari na Adibeli na Mibusamu,


Bazomwishura, bati N’uko bahevye Uhoraho Imana yabo, yakūye ba sekuruza mu gihugu ca Egiputa, bakaramatana n’izindi mana, bakazisenga, bakaba ari zo basaba; ni co catumye Uhoraho abateza ivyo vyago vyose.


Aba Yavani ni Elisha na Tarushishi na Kitimu na Dodanimu.


Dawidi amaze gusāza, ageze mu zabukuru, yimika umuhungu wiwe Salomo, ngw abe umwami w’Abisirayeli.


Bene Kohati bāri Amuramu na Isihari na Heburoni na Uziyeli, ukw ari bane.


Ewe jewe ndagowe, kuko mba i Mesheki nd’ inyambukīra, Nkaba mu mahema y’i Kedari!


Kuk’ ukw ari k’Umwami Imana ambariye: at’ Umwaka utarashira, urīmbūye umwaka nk’uw’ umucangero, icubahiro cose c’i Kedari kizoshira;


Imbūri yo kuri Tiro. Boroga, yemwe māto y’i Tarushishi: kukw i Tiro hageseye, bigatuma ata mazu akiriho, ata n’aho gutaha; izo nkuru bazibgiwe zivuye mu gihugu c’i Kupuro.


Aravuga, ati Ntugisubira kunezerwa, wa nkumi y’i Sidoni yononekaye; va hasi ujabuke uje i Kupuro, kandi n’iyo na ho ntuzoharonka uburuhukiro.


Ivy’ i Kedari, n’ivy’ ibihugu vy’abami b’i Hazori, ivyo Nebukadineza umwami w’i Babuloni yahavuye atsinda. Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni muhaguruke mudūge i Kedari, munyage abantu b’i burasirazuba.


Kandi wābīra mu myambaro yawe, ukīshingira ibitabo ku mpinga z’imisozi, ukabishariza ivy’ amabara atar’ amwe, maz’ ukabisambaniramwo: nta bimeze nk’ivyo vyigeze kubaho, nta n’ ibizokwongera kuboneka.


Abo muri Arabiya n’abaganwa bose b’i Kedari bār’ abadandaji bawe wiganziye; bākudandariza imyagazi y’intama n’ amapfizi yazo n’impene.


Mu biti vy’imyeloni vy’i Bashani ni vyo bākubāziyemw’ ingafe; intebe zawe bāzibāje mu mbaho z’imiteyashuri zākūwe mu bizinga vyo mu kiyaga vyitwa i Kitimu, bazishazishije kuzidombagizak’ utubaru tw’amahembe y’inzovu.


Nuko rero, uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, ati Kuko mur’ abanyamivurungano kurusha amahanga abakikije, kandi mukaba mutāgendeye mu vyagezwe vyanje, ntimwitondere n’amabgirizwa yanje, canke ngo mukore n’ivyo amabgirizwa y’amahanga abakikije yashinze:


Hanyuma y’ivyo azohindukiza amaso, atere ibizinga vyo mu kiyaga, aneshe vyinshi; arik’ umugabisha umwe azozibiza agakēngērwe yateye, mber’ azokamusubiza ku mutwe.


Kukw amāto y’i Kitimu azomutera, azotuma atinyirira amagara, asubire inyuma; azoshungumirirwa isezerano ryera, akore nk’uko yigombeye; mber’ azosubirayo, ashire umutima ku bātaye isezerano ryera.


Arikw amato azoza, aturutse ku nkombe y’i Kitimu, Aneshe Ashuri, aneshe na Eberi, Maze na bo nyene bazorandurwa.


Inkuru yāmamaye hose yuko muri mwebge harih’ ubusambanyi: kand’ ubgo busambanyi butoba no mu banyamahanga, umuntu gucīkiza muka se ngw amwābīre.


Maz’ ababibonye bose baravuga, bat’ Ikintu kimeze girtyo nticīgeze gukorwa canke kuboneka, uhereye ku musi Abisirayeli bādūgiye bava mu gihugu ca Egiputa kugeza uyu musi! Nuko ni muvyiyumvire, mubije inama, mugire ico muvuga!


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ