Nzobasekanisha nk’impfizi z’intama, umwe n’uwundi, abana na ba se, ni jewe Uhoraho mbivuze: nta kagongwe nzogira, cank’ impuhwe, cank’ imbabazi, ngo bimbuze kubageseza.
ati Mwami wanje nyen’ ingoma, abo bantu bakoze nabi muri vyose bagiriye Yeremiya umuvugishwa, uwo batereye mu cobo; kand’ ari mu gupfira aho hantu ari, kubg’ inzara; kukw ata mutsima ugisigaye mu gisagara.
Ni co gituma ba se b’abana bazobarīra hagati muri wewe, n’ abana bazorya ba se; kandi nzocira amateka muri wewe, n’amasigarira yawe yose nzoyashwiragiriza mu birēre vyose.