Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 19:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Kuko bāntaye, bagahumanya aha hantu, bakahoserereza imibavu izindi mana batigeze kumenya, bo na ba sekuruza n’abami b’i Buyuda; bakuzuza aha hantu ibitenga vy’ amaraso y’abatācumuye;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 19:4
49 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi Manase yavishije amaraso menshi y’aberanda, araruha yuzuza Yerusalemu amaraso uhereye ku ruhande rumwe ugashitsa ku rundi; ivyo abigereka ku caha ciwe yakwegeyemw’ Abayuda, ngo bakore ivyo Uhoraho abona kw ari bibi.


Kand’ ahumanya n’i Tofeti mu mwonga wa bene Hinomu, kugira ngo hoye kugira umuntu n’umwe ahatangira umwana wiwe kw ikimazi, ar’ umuhungu cank’ umukobga, ngo yoserezwe Moleki mu muriro.


n’amaraso y’aberanda yavishije; kuko yujuje i Yerusalemu amaraso y’aberanda; nukw ivyo Uhoraho ntiyemera kubiharira.


Bavisha amaraso y’aberanda, ni yo maraso y’abahungu babo n’ay’ abakobga babo, Abo batanze kw ibimazi babaha ibigirwamana vy’i Kanani, Igihugu gihumanywa n’amaraso.


Ibirenge vyabo vyirukira gukora ikibi, kandi bihutira kuvisha amaraso y’abatācumuye; ivyiyumviro vyabo n’ivyiyumviro vy’ubugāba; kugeseza no guhonnya biri mu nzira zabo.


Ariko mwebge abantaye jewe Uhoraho, mukibagira umusozi wanje wera, mugatereka Gadi, mugaturiraniriza Meni;


Nanje nzokwātamīra amateka mbaciriye kubg’ ibibi vyabo vyose bākoze; kuko bāndetse, bakosereza imibavu izindi mana, bagasenga ivyakozwe n’intoke zabo.


Kuk’ ukw ibisagara vyawe bingana, ewe Buyuda, ari kw izo mana zawe zingana: kandi nk’ukw inzira zo muri Yerusalemu zingana ni ko mwagiye mushirah’ ibicaniro mubishiriyeho bga buyobe bganyu, ni vyo bicaniro vyo kwoserezakw imibavu Bayali.


Warantaye, ni jewe Uhoraho mbivuze, wasubiye inyuma; ni co gitumye nagushōreyek’ ukuboko nkaguhonnya; kwigarura kurandambiye.


Uz’ uce ubabgira, uti N’uko ba sogokuruza banyu bāmutaye, ni k’Uhoraho agize, bakagendanira izindi mana, bakazisaba bakazisenga, na we bakamuta, ntibitondere ivyagezwe vyiwe;


Ewe Uhoraho, vyizigiro vy’Abisirayeli, abagutaye bose bazorimarima; abakuvako bazokwandikwa mu mukungugu gusa, kuko bataye Uhoraho, ari we sōko y’amazi y’ ubugingo.


ubabgire, uti Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge bami b’i Buyuda na Buyuda bgose, n’ababa i Yerusalemu mwese, abaca mur’ ibi birimba;


Yamar’ abantu banje baranyibagiye, boshereje imibavu ibitagira ikimazi; vyatumye batsitara mu nzira zabo, ni zo nzira za kera, ngo bajane inzira zikikamye, inzira zitanoze,


kukw abantu banje bakoze ibibi bibiri: bataye jewe, isōko y’amazi y’ubugingo, bakīyimbira ivyobo vyo kubīka amazi, ivyobo vyatobotsemw’ imishwena, bidashobora kugumamw’ amazi.


Mbega si wewe wavyihamagariye, kuko wataye Uhoraho Imana yawe akikurōngōra mu nzira?


Ivyaha vyawe ni vyo bizogukubita, n’ubuhemu bgawe ni bgo buzoguhana: uzomenya rero kand’ uzobona yukw ar’ ikintu c’icago kandi c’umururazi, kunta jewe Uhoraho Imana yawe, no kutampa igitinyiro, ni jewe Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo, mbivuze.


Nakubise abo mu gihugu canyu, ariko nigoreye ubusa; banse guhaha; inkota zanyu ubganyu zāriritse ba kamenyi banyu nk’intambge itikiza.


Mbere no ku mpuzu zawe haboneka amaraso y’abantu b’abakene wishe batagira igicumuro, kand’ utābafashe bamena inzu.


Ariko weho amaso yawe n’umutima wawe nta handi bitumbereye atar’ ukwifuza inyungu mbi, no kuvisha amaraso y’abatācumuye, no guhahaza, n’umuryano.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni muce imanza ziroranye n’izigororotse, mukize ūnyazwe, mumukūre mu kuboko kw’ ūmuhahaza; ntimugirire nabi canke ngo muhahaze ingenzi n’ impfuvyi n’umupfakazi, canke ngo muvishirize aha hantu amaraso y’ abatācumuye.


Kimwe gusa, mumenye rwose ni mwanyica, ko muzoba mwizanyekw amaraso y’ ūtācumye, azoba kuri mwebge ubganyu no kur’ iki gisagara no ku bakibamwo: kuko vy’ukuri Uhoraho ni we yabantumyeko kuvugira ayo majambo yose mu matwi yanyu.


bakwega Uriya bamukūra muri Egiputa, bamuzanira umwami Yehoyakimu: amwicisha inkota, ashiburira umuvyimba wiwe mu mva z’ abantu ba nyarucari.


kubg’ ivyaha vyabo bākoze ngo banshavuze, kuko boshereje imibavu izindi mana bakazisaba, izo batigeze bamenya, bo ubgabo, canke mwebge, canke ba sogokuruza banyu.


Ni co gituma intambge yo mu kibira izobica, n’ibingira rigendagenda uko buhwibiriye rizobasahura, n’ingwe izotegera ku bisagara vyabo, maz’ ūbisokorokamwo wese atabagurwe; kuk’ ukugabitanya kwabo ari kwinshi, n’ugusubira inyuma kwabo kukaba kurenze urugero.


ni mudahahaza ingenzi cank’ impfuvyi cank’ umupfakazi, ntimuvishirize amaraso y’ūtācumuye aha hantu, ntimugendanire izindi mana, bikababera icago:


Mbega birashoboka ko mwiba, mukica, mugasambana, mukarahira ibinyoma, mukosereza Bayali imibavu, mukagendanira izindi mana mutigeze kumenya,


Vyatewe n’ivyaha vya ba kamenyi baho, n’ibigabitanyo vy’abaherezi baho, Bāvishirije amaraso y’abagororotsi hagati muri ho.


kandi mbahumanisha amashikanwa yabo ubgabo, kuko bātanze imfura zabo zose kw ibimazi ngo zoswe mu muriro, kugira ngo ndabajonjogoze, baruhe bamenye yuko jewe nd’ Uhoraho.


Nzobakūrakw amaso yanje ndore irya, ba bandi na bo bazohumanya ubgiherēro bganje, abambuzi bazohinjira bahahumanye.


Kand’ imbere yavyo hāri hahagaze abantu mirongwirindwi bo mu bakuru b’ inzu ya Isirayeli; no hagati yabo hāri hahagaze Yazaniya mwene Shafani; kand’ umuntu wese yar’ afise icotero ciwe mu minwe, hagapfunduka imyotsi itāmirana y’ imibavu.


Azogomora ingabo ziwe, zihumanye ahēra n’iboma yaho, bakūreh’ ikimazi co kwoswa gihora gitangwa uko bukeye, bahashinge ikizira c’ubuyobe kizana ubugesera.


ngw amaraso y’abāvugishwa n’Imana bose yavishijwe, uhereye ku kuremwa kw’isi, aronderwe ku b’iki gihe,


bati Hādutse abagesera muri mwebge bariko barakwegakwega abo mu gisagara cabo, bat’ Ingo tugende, dusabe izindi mana, kand’ ar’ izo mutigeze kumenya;


Mu bo muvukana canke muri bene nyoko, canke mu bahungu banyu canke mu bakobga banyu, canke mu bagore banyu mupfumbatirana, canke mu bakunzi banyu b’amagara, muri ben’ abo ni hagira uwo yosha muri mwebge mu mpisho, ati Tugende dusabe izindi mana; (kand’ ar’ izo mutigeze kumenya, mwe na ba sogokuruza;


Uhoraho azobarungikira umuvumo, n’amananiza, n’ubgihebūre, mu vyo muzogerageza gukora vyose, gushitsa aho muzorandurirwa, mugaherengetera vuba, muhōwe ibibi muzoba mwakoze, vyatumye mumuheba.


Uhoraho azobatangana n’umwami muzoba mwiyimikiye, abatange mu maboko y’ihanga mutigeze kumenya, mwe na ba sogokuruza; mushitseyo muzohasabira izindi mana z’ibiti n’iz’ amabuye.


Kand’ Uhoraho azobashwiragiriza mu mahanga yose, uhereye ku mpera y’isi ugashitsa ku yindi; kandi muzosabiray’ izindi mana z’ibiti n’iz’amabuye, mutigeze kumenya, ari mwebge canke ba sogokuruza banyu.


Bavishije amaraso y’abera n’ay’ abavugishijwe nawe, kand’ amaraso nyene ni yo ubahaye ngo banywe: birababereye.


Igihe bitoraniriza izindi mana, Intambara zaciye zishika ku marembo yabo. Nta nkinzo cank’ icumu vyari bikiboneka Mu Bisirayeli naho boba ibihumbi mirongwine.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ