Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 19:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 ugende ushike mu mwonga wa mwene Hinomu, aherekeye mw ishikiro ry’irembo ry’ababumvyi, uhavugire amajambo nkubarira:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 19:2
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kand’ ahumanya n’i Tofeti mu mwonga wa bene Hinomu, kugira ngo hoye kugira umuntu n’umwe ahatangira umwana wiwe kw ikimazi, ar’ umuhungu cank’ umukobga, ngo yoserezwe Moleki mu muriro.


Ikigeretseko, yosereza imibavu mu mwonga wa mwene Hinomu, atanga n’abana biwe kw ibimazi ngo boserezwe mu muriro, nk’ ukw ibizira vy’ubuyobe vy’abanyamahanga vyari bimeze, abo Uhoraho yari yarirukanye imbere y’Abisirayeli.


Atanga abana biwe kw ibimazi ngo boswe mu muriro mu mwonga wa mwene Hinomu, agapfumuza, agatera amabara, agakoresha uburozi, akaja kuraguza abahamagara imizimu, n’abamenyi; yakora ibibi vyinshi imbere y’Uhoraho, bimutera umwikomo.


Hakurikirako Sadoki mwene Imeri, asana ahahereranye n’inzu yiwe; hakurikira Shemaya mwene Shekaniya, umushibamyi w’irembo rihera i burasirazuba.


Arik’ Uhoraho arambarira, ati Nta co uvuga, ngo Ndacari muto; kuk’ uwo nzogutumako wese ari we uzojako, kand’ ico nzokubarira cose akaba ari co ukwiye kuvuga.


Maz’ Uhoraho arambarira, ati Tāngāza aya majambo yose mu bisagara vy’i Buyuda, no mu nzira z’i Yerusalemu, uti Ni mwumve amajambo y’iri sezerano, muyitondere.


riti Va hasi, umanuke uje ku nzu y’umubumvyi, aho ni ho nzokwumvishiriza amajambo yanje.


rit’ Uku ni k’Uhoraho agize, ati Hagarara mu nyubakwa y’ingoro yanje Uhoraho, ubarire ab’ibisagara vyose vy’i Buyuda baza gusenga mu ngoro yanje, amajambo yose nkubarira yo kubabgira: ntusige na rimwe.


Genda uvuge aya majambo werekeye i burārūko, uti Garuka, yewe Isirayeli Inamusubiranyuma, ni jewe Uhoraho mbivuze. Sinzokurābana ishavu, kuko nd’ umunyembabazi, ni jewe Uhoraho mbivuze; kandi sinzokwamana uburake imisi yose.


Kandi bātabiye ibitabo Bayali, ni vyo biri mu mwonga wa mwene Hinomu, bagatanga abana babo b’abahungu n’abakobga kw ibimazi ngo boserezwe Moleki; ar’ ikintu ntābageze, kitigeze no kuza mu mutima wanje, ko bokora ivyo bizira, bagacumuza Abayuda.


riti Hagarara mu kirimba kirora ku ngoro y’Uhoraho, uhatāngārize iri jambo, uti Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, mwebge mwese b’i Buyuda, abaca mur’ ibi birimba ngo musenge Uhoraho.


riti Va hasi uje i Ninewe, ca gisagara kinini, ukibūrire imbūri nzokubgira.


Ico mbabaririra mu mwiza muze mukivugire mu muco, kand’ ico mwongorewe mu gutwi muze mukivugire ku mazu hejuru.


kuko ntacishije i ruhande mbabgira ivy’ Imana yagabiye vyose.


ati Ni mugende, muhagarare mu rusengero, mubarire abantu amajambo yose ya bga Bugingo.


rugaheza rukadūga rukajana umwonga wa mwene Hinomu gushitsa ku mucāmo w’ umusozi w’Abayebusi ahahera i bumanuko, ni wo Yerusalemu; rukadūga gushitsa ku mpinga y’ umusozi uhanamiye uwo mwonga nyene wa Hinomu ahahera i burengerazuba, ni ho umwonga Refayimu wahēra, ku ruhande rw’i burārūko.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ