Rāba uyu musi ngushizeho kugira ubushobozi ku mahanga no ku bihugu vy’abami, bgo kurandura no gusangangura, guhonnya no gukomvomvora, bo n’ukwubaka no guteragira.
Uku ni ko ndabivuze, jewe Uhoraho, nti Rāba nzotuma abo mu mahema ya Yakobo bahindukira, bave mu ngoyi zabo, ngirire ikigongwe amazu yabo; kand’ igisagara kizokwubakwa mu bitongozi vyaho, n’ ingoro isubire kumera nk’uko yahora.
Eh’ imisi izoza, ni k’Uhoraho agize, ca gisagara kizokwubakirwa Uhoraho, uhereye ku munara wa Hananeli, ugashitsa no kw irembo ryo ku mfuruka y’uruzitiro.