Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 18:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 maz’ iryo hanga navuzeko ryohindukira rikareka ibibi vyaryo, nanje nzokwigarura ndeke ibibi nari namaramaje kuzobakorera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 18:8
32 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ abo baganwa b’Abayuda bo n’umwami baca bicisha bugufi, baravuga, bat’ Uhoraho aragororoka, akoze ibikwiye.


Akabibukira isezerano yabasezeraniye, Akagarukana umutima, nk’ ukw isinzi ry’imbabazi ziwe riri.


Kuk’ Uhoraho azocira urubanza abantu biwe, Kand’ azokwirimbūra ku vyo agirira abasavyi biwe.


Ewe Uhoraho garuka; uzogeza ryari? Ni wīrīmbūre ku vy’ugirira abasavyi bawe.


N’iki cotuma uha Abanyegiputa kuvuga, ngo Kubatēza ivyago ni kwo kwatumye ibakūra ino, ngw ibatsinde mu misozi miremire, ibahonnye mw isi? Enda se n’ushire uburake bgawe bg’inkazi, wigarure, ntutēze abantu bawe ivyo vyago.


Nuk’ Uhoraho arīgarura, areka ivyo vyago yari yavuze gutēza abantu biwe.


Maze ni bigana umwete ingeso z’abantu banje, bakarahira izina ryanje, ni kwo guhoraho kwanje Uhoraho, nk’uko nyene bāri bārigishije abantu banje kurahira Bayali; ni ho bazokomezwa hagati y’abantu banje.


Warantaye, ni jewe Uhoraho mbivuze, wasubiye inyuma; ni co gitumye nagushōreyek’ ukuboko nkaguhonnya; kwigarura kurandambiye.


None rero mutunganye ingeso zanyu n’ibikorwa vyanyu, mwumvire Uhoraho Imana yanyu; maz’ Uhoraho azokwigarura areke ibibi yar’ abageneye.


Mbega Hezekiya umwami w’i Buyuda n’Abayuda bose mugira ngo bāramwishe? Hezekiya ntiyaciye atinya Uhoraho, akamukomera ibobo, Uhoraho na we akīgarura akareka ivyago yari yabageneye? Twogira ico tumugira twoba dukwegeye ubugingo bgacu ivyago bihambaye.


Kumbure bohava bumva, umuntu wese agahindukira akareka inzira yiwe mbi, ngo nanje mbone kwigarura, ndeke ibibi mmaramaje kubakorera kubg’ ibibi vy’ibikorwa vyabo.


Kumbure ab’ inzu ya Yuda bokwumva ivyago vyose nageneye kubatēza, bagahindukira, umuntu wese akava mu nzira yiwe mbi, kugira ngo mbone guharira ukugabitanya kwabo n’icaha cabo.


ati Ni mwakomeza kuguma mur’ iki gihugu, azobubaka, ntazobasambura; azobatēragira, ntazobarandura: ngo Kuko yigaruye mu vyago yabateje.


Arik’ umunyavyaha ni yahindukira akava mu vyaha vyiwe vyose yakora, akitondera ivyagezwe vyanje vyose, agakora ibitunganye n’ibikwiye, n’ukuri azobaho, ntazopfa.


Ubabgire, uti Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, simpimbarwa n’uk’ umunyavyaha apfa, atar’ uko yohindukira, akava mu ngeso ziwe, akabaho: enda ni muhindukire, mugaruke muve mu ngeso zanyu mbi; n’iki gituma mugomba gupfa, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli?


Nuko rero, mwana w’umuntu, barira ab’ ubgoko bganyu, ut’ Ubugororotsi bg’umugororotsi ntibuzomukiza ku musi w’ibicumuro vyiwe, n’ivyaha vy’umunyavyaha ntibizomwicisha ku musi azohindukira akava mu vyaha vyiwe; yamar’ umugororotsi ntazoshobora kubeshwaho na bgo ku musi azocumurako.


Ni nabgira umugororotsi kw azobaho, akishimira ubugororotsi bgiwe, maz’ agakora ivy’ ukugabitanya; mu bikorwa vy’ubugororotsi bgiwe nta na kimwe kizokwibukwa, arikw ibigabitanyo vyiwe yakoze ni vyo azopfa azize.


Ikindi kandi, ni nabgira umunyavyaha, nti Ntuzobura gupfa, arikw agahindukira akava mu vyaha vyiwe, agakora ibitunganye n’ibikwiye,


Noshobora nte kuguheba ga Efurayimu? Noshobora nte kugutanga ga Isirayeli? Noshobora nte kukugirira nk’i Adima? Noshobora nte kuguhindura nk’i Seboyimu? Umutima wanje ubuze uburagamo muri jewe, n’imbabazi zanje zose zirakongerejwe.


Mwanke ibibi, mukunde ivyiza, mukomeze imanza zibereye mw ishikiro ry’igisagara: kumbure Uhoraho Imana Nyen’ ingabo azohangaza amasigarira ya Yosefu.


Asenga Uhoraho, ati Mbega, Uhoraho, si co navuze nkiri mu gihugu cacu? Ni co catuma nshōka mpungira i Tarushishi; kuko namenye k’ur’ Imana y’inyabuntu, yuzuye imbabazi, iteba kuraka, igira ikigongwe cinshi, kandi yigarura ngo ntizane ikibi.


Kuk’ Uhoraho azocira urubanza abantu biwe, Azokwirīmbūra ku vyo agirira abashumba biwe, Ni yabona yuk’ ubushobozi bgabo buheze, Ata wugisigaye, n’iyo yoba imbohe cank’ uwidegemvya.


Kand’ uk’ Uhoraho yabaha umucamanza, yaba kumwe n’uwo mucamanza, akabakiza, akabakūra mu maboko y’abansi babo igihe cose uwo mucamanza akiriho, kuko vyamutera akagongwe kwumva iminiho yabo banihishwa n’ababahahaza bakabacuranguza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ