Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 18:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Igihe kimwe novuga ku vy’ihanga no ku vy’ ubgami ku vyo kuzorirandura no kuzorisangangura no kuzorihonnya:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 18:7
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Rāba uyu musi ngushizeho kugira ubushobozi ku mahanga no ku bihugu vy’abami, bgo kurandura no gusangangura, guhonnya no gukomvomvora, bo n’ukwubaka no guteragira.


Uku abe ari k’umubarira, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Rāba, ico yubatse azogisambura, kand’ ico yatēragiye azokirandura: azokora artyo mu gihugu cose.


Yona atangura kuja mu gisagara agenda urugendo rw’umusi umwe; arasemerera, ati Hasigaye imisi mirongwine, Ninewe hagakomvomvorwa.


Eh’ Umwami Uhoraho atungiriye igitsūre ubgami bukora ivyaha, ati Nzoburandura mw isi; mugabo sinzorandura inzu ya Yakobo rwose, ni k’Uhoraho agize.


Uhoraho yicuza ico yaremeye abantu mw isi, bimutera intuntu mu mutima.


Maz’ ico gihe, nk’uko nabahozakw igitsure ngo mbarandure, mbahomvore, mbasangangure, mbahonnye, mbababaze, ni ko nzobahozakw ijisho ngo mbubake mbatēragire, ni jewe Uhoraho mbivuze.


ati Ni mwakomeza kuguma mur’ iki gihugu, azobubaka, ntazobasambura; azobatēragira, ntazobarandura: ngo Kuko yigaruye mu vyago yabateje.


Ikindi kandi, ni nabgira umunyavyaha, nti Ntuzobura gupfa, arikw agahindukira akava mu vyaha vyiwe, agakora ibitunganye n’ibikwiye,


Ni yamara guhaguruka, ubgami bgiwe buzosatagurwa, bugabanywemwo bune nk’uko butumbereye ibirēre bine vy’ijuru, kandi ntibuzosubirwamwo n’uruvyaro rwiwe, canke ngo buganzishwe ububasha nk’uko yabuganzisha; kuk’ ubgami bgiwe buzoshingurwa, buhabge abandi atari mur’ abo.


Kumbure bohava bumva, umuntu wese agahindukira akareka inzira yiwe mbi, ngo nanje mbone kwigarura, ndeke ibibi mmaramaje kubakorera kubg’ ibibi vy’ibikorwa vyabo.


Maz’ Imana ibona ibikorwa vyabo, ingene bahindukiye, bakareka inzira yabo mbi; nukw Imana irīgarura ngo ntibatēze ivyago yari yabagereye, ntiyabibatēza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ