Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 17:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Umutima uribesha kuruta ibindi vyose, urwaye indwara itavūrwa: ni nde yowumenya?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 17:9
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuk’ Uhoraho abona ibibi vy’abantu ingen’ ari vyinshi mw isi, kandi kw ivyiyumviro vy’imitima yabo vyamogoreye gukora ibibi gusa na ntaryo.


Uhoraho amoterwa n’umubabge mwiza wavyo, maz’ Uhoraho yiyumvira mu mutima wiwe, ati Sinzokwongera kuvuma isi ukundi kubg’ abantu, kukw imitima y’abantu yamogoreye gukora ibibi uhereye mu bgana bgabo: kandi sinzokwongera kwica ukundi ibifise ubugingo vyose, nk’uko nakoze.


Yandika mur’ ico cete, ati Muherereze Uriya imbere ah’ urugamba rukaze, muheze mwīgire inyuma mumute, kugira ngo bamutere apfe.


Rāba, nabumbanywe ukugabitanya, Mu vyaha ni ho mama yamvyariye.


Arikw Imana izobarasa, Bazokomeretswa n’umwampi giturumbuka.


Uwizigira uwiwe mutima aba ar’ igipfu, Arik’ ūgendana ubgenge azorokorwa.


Ubu n’ubuyobe mu bikorerwa musi y’izuba vyose, yukw iherezo rya bose ari rimwe: mbere, mu mitima y’abana b’abantu huzuyemw’ ibibi, kandi bakiriho, ubusazi buba mu mitima yabo, hanyuma bakitāhira mu bapfuye,


Mbega n’ubu muracadaramīra ngo mukubitwe, ko mwiyongeranya kugarariza? Umutwe wose urarwaye, umutima wose uradendebukiwe.


Uhereye mu bgoro bg’ikirenge ugashitsa ku mutwe nta hazima hariho, atar’ inguma n’ibipfupfuri n’imishishagu, bitigeze gukandwa canke gupfukwa canke kubombekeshwa amavuta.


Wame ukomantaza umutima w’ubgo bgoko, uhindure amatwi yabo bihurugutwi, uhume amaso yabo; kugira ngo ntibarābīshe amaso, ntibumvishe amatwi, ntibatahurishe imitima, ngo bahindukire bakire.


kandi namwe mwakoze ibibi kurusha ba sogokuruza, kukw ehe rāba, umuntu wese muri mwebge agendera mu budadarare bg’umutima wiwe mubi, bigatuma mutamwumvira:


Ariko ntibāvyumvira, kandi ntibātega ugutwi kwabo, ariko bāgendera mu migabo yabo, no mu bukomantare bg’imitima yabo mibi, kandi bāsubira inyuma, ntibāja imbere.


Kuk’ umutima w’ubu bgoko ucuramye, Amatwi yabo akaba ari bihurugutwi, Amaso yabo bakayahumiriza: Ngo ntibarābishe amaso, Ntibumvishe amatwi, Ntibatahurishe imitima, Ngo bahindukire, Mbakize.


Kuko mu mutima havamw’ ivyiyumviro bibi: ubgicanyi, ubusambanyi, ubushakanyi, ubgivyi, kwagiriza abandi ibinyoma, ibitutsi.


Yesu avyumvise, arababgira, at’ Abakomeye nta co bagombera umuvūzi, atar’ abarwaye. Sinaje guhamagara abagororotsi, atar’ abanyavyaha.


kuko bāmenye Imana ntibayubahe nk’Imana, ntibayishime; ariko bācitse abiyumvira ivy’ ubusa, imitima yabo y’imburabgenge icura umwiza.


Kukw icaha campendahenze, kibonye urwitwazo mu cagezwe, kandi kigitera kunyica.


kubabgira ku vy’ingeso zanyu za kera ngo mwiyambure wa muntu wa kera, abozwa n’ukwifuza kw’uruhendo;


Bene Data, ni mwirinde, ntihagire uwo muri mwebge agira umutima mubi utizera, umutera kureka Imana nzima.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ