Yeremiya 17:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)8 Kukw azoba nk’igiti gitewe i ruhande y’amazi, gishōrera imizi yaco i ruhande y’uruzi, kitumva izuba iyo ryatse, ariko kikāmana itōto; ntikizorinda kwiganyira mu mwaka w’uruzuba, kandi ntikizoharuruka kwama. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Kandi ku nkombe z’urwo ruzi, hakurya no hakuno, hazomera igiti cose cama ibiribga; ibibabi vyavyo nta ho bizokabirana, kandi n’ivyo vyama nta ho bizobura: bizohora vyera bijana n’ukwezi uko gutashe, kukw amazi abitunga ava ahēra h’urusengero: ivyo vyama bizoba ivyo kurya, n’ibibabi vyavyo bizoba umuti wo kuvūra.