Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 17:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Arahiriwe umuntu yizigira Uhoraho, Uhoraho akaba ivyizigiro vyiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 17:7
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abizigiye Uhoraho bameze nk’umusozi Siyoni Udashobora kunyiganyizwa, ariko wama ushimangiye gushitsa ibihe bidashira.


Hahirwa ūfise Imana ya Yakobo k’umutabazi wiwe, Akizigira Uhoraho Imana yiwe:


Mugumbire urya Mwana, kugira ngo ntarake, namwe mugahonera mu nzira, Kuk’ uburake bgiwe bgoca buziriringa: Hahirwa abamuhungirako bose.


Barunamye, baratemvye; Ariko tweho tuvuye hasi, turēmye.


Ni mwumvirizeko, mumenye yuk’ Uhoraho aryoshe: Hahirwa ūmuhungirako.


Hahirwa umuntu ashira ivyizigiro vyiwe k’Uhoraho, Kandi ntahindukirire abībone, cank’ abizimagiriza mu binyoma.


Kukw ari wewe vyizigiro vyanje, Mwami Uhoraho: Ni wewe nizera, uhereye mu buto bganje,


Uhoraho Nyen’ ingabo, Hahirwa umuntu akwizigira.


Ūshira umutima kw ijambo azobona ivyiza, Kand’ uwizigira Uhoraho aba ahiriwe.


Ni kubg’ ivyo Uhoraho ashamaje kugira ngw abagirire ubuntu, kandi ni kubg’ ivyo azohaguruka kugira ngw abagirire ikigongwe, kuk’ Uhoraho ar’ Imana ica izibereye; hahirwa abashamaje bamwiteze bose.


ngo nshirireh’ abagandaye i Siyoni igitsibo mu gishingo c’umunyota, ndabahe n’amavuta y’akaneza mu gishingo c’ukugandara, n’umwambaro wo guhimbaza mu gishingo c’umutima uhondobereye; kugira ngo baze bitwe ibiti vy’ukugororoka, imyeloni yatewe n’ Uhoraho, ngo bimutere icubahiro.


Kuko ntazobura kugukiza; ntuzokwicwa n’inkota, arikw amagara yawe uzoba uyakijije, kuko wanyizigiye, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Nebukadineza aravuga, at’ Imana ya Shaduraka na Meshaki na Abedunego iragahimbazwa, ni yo yarungitse umumarayika wayo, igakiza abasavyi bayo bayizigiye, kukw ijambo ryanje baricishije ukundi, bagaheba amagara yabo, kugira ngo ntibagire iyindi mana n’imwe basaba canke basenga, atar’ Imana yabo.


Ariko nzogusigamw’ abaciye bugufi na ba nyarucari, abo ni bo bazokwizigira izina ryanje jewe Uhoraho.


kuzoba abo guhesha icubahiro ubgiza bgayo, twebge abizigiye Kristo kera.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ