Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 17:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Azoba nk’agasaka k’inkōkōre mu bugaragwa, kandi ntazobona ivyiza bimujeko; arikw azoba ahagadutse ahantu h’ ubgeranyange, igihugu c’umunyu kitabamw’ abantu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 17:6
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arik’ umugabisha uwo mwami yagenda yegamiye yishura uwo muntu w’ Imana, ati Mbeg’ Uhoraho naho yotobora amadirisha mw ijuru, ivyo vyoshoboka? Aramwishura, at’ Uzobirābisha amaso, ariko ntuzobiryako.


Ntazokwitegereza inzūzi, Ari zo migezi itemba ubūki n’ urubu.


Izo nahinduriye ubugaragwa ngo bube inzu yazo, N’igihugu c’umunyu ngo kibe ahantu ziba.


Ababi ntibamera bartyo: Ariko baba nk’umuguruka utwarwa n’umuyaga.


Igihugu kimera agihindura akarēre k’umunyu, Kubg’ ivyaha vy’abahaba.


Iy’ abanyakibi bārutse nk’ ubgatsi, Kand’ inkozi z’ibibi zose iyo zitotahaye, N’ukugira ngo barandurwe gushitsa ibihe vyose.


kuko muzomera nk’umweloni uravye amababi, canke nk’ikigabiro kitagira amazi.


nuko rero, uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, nti Rāba, nzohana Shemaya w’i Nehelamu n’ uruvyaro rwiwe; ntazosigarana n’ umwe mu biwe azoba mur’ ubu bgoko, na we ntazoruha abona ivyiza nzogirira abantu banje, ni jewe Uhoraho mbivuze: kuko yavuze ivy’ ukungarariza jewe Uhoraho.


Muhunge, mwunzūre amagara, mube nk’agasaka k’inkōkōre mu bugaragwa.


Arikw ivyondo n’ibishanga vyo ku nkengēra yaco ntibizokira, bizoheberwa umunyu.


Nuko rero, ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, Imana y’Abisirayeli, n’ukuri Mowabu hazoba nk’i Sodomu, n’Abamoni nk’i Gomora, ah’ igisuru ciganziye, habe iyengo ry’imyunyu, hahinduke amatongo ibihe bidashira: amasigarira y’abantu banje azobatera abasahure, mber’ abarokotse bo mw ihanga ryanje bazobatwara.


bakabona yukw ico gihugu cose cabaye amazuku n’umunyu, cahiye uburimbi, ko kitakirimwa, canke ngo kimere, canke ngo kibemwo n’akātsi, ko gisigaye kimeze nk’ukw i Sodomu hākomvomvowe, bo n’i Gomora n’i Adima n’i Seboyimu, ibisagara Uhoraho yakomvomvoje uburake bgiwe n’ubushangashirwe bgiwe;


Abimeleki yiriza uwo musi wose arwanya ico gisagara, aragitsinda, ageseza abari muri co, aragisangangura, akimēmēramw’ umunyu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ