Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 17:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Aravumwe umuntu yishimira abantu, akizigira inkomezi z’abari n’umubiri, umutima wiwe ukava k’Uhoraho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 17:5
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ ashitse mu mwaka ugira mirongwitatu n’ icenda ari ku ngoma arwara ibirenge, kand’ iyo ndwara imumerera nabi cane; ariko na ho nyene no mu ndwara yiwe ntiyaja kubaza Uhoraho, atar’ ukuja ku bavūzi.


Mu ruhande rwiwe haherereye inkomezi z’ab’ umubiri, ariko mu ruhande rwacu haherereye Uhoraho Imana yacu, ngw adutabare, aturwanire mu ntambara zacu. Maz’ abantu baremēshwa n’ayo majambo ya Hezekiya umwami w’i Buyuda.


Kuko nitondeye inzira z’ Uhoraho, Kandi sinakoze icaha co kureka Imana yanje:


N’ukuri abafafara ni nk’impwemu zihumetswe, kand’ abahambaye n’ibinyoma gusa: Ni bashirwa ku munzane, bazoteruka gusa; Bose hamwe bahwahutse kurusha impwemu zihumetswe.


Ni mureke kwishimira abantu, abari n’impwemu gusa mu mazuru yabo: mbega bamaze iki?


Kandi bazokwihebura bamāramāre, kubga Etiyopiya bari bizigiye, no kubga Egiputa birātana.


Ngw Erega wishimiye ya nkoni y’ irenga rivunitse, ni ryo Egiputa, umuntu yoryishimikiza ryomutobekeranya ikiganza. Ng’ Uko ni ko Farawo umwami wa Egiputa amerera abamwishimiye bose.


Ni koko, ukuri kurakamanganye; kand’ ūhunze ibibi aba yinyagishije. Uhoraho yarabibonye, biramubabaza, kukw ata biroranye biriho.


ubabgire, ut’ Uku ni k’Uhoraho Imana y’Abisirayeli agize, at’ Aravumwe umugabo atumva amajambo y’iri sezerano,


Kand’ abazoba baracitse bo muri mwebge bazonyibuka bari mu mahanga, aho bazoba barajanywe ar’ inyagano, bamenye ingene nashābijwe n’imitima yabo yabaye ibimaka ikamvako, kandi ko nashābijwe n’amaso yabo y’ubumaka bagenda banyuririza ku bigirwamana vyabo: baheze biyanke urunuka kubg’ ibibi bakoze n’ ibizira vyabo vyose.


Igihe Uhoraho yatangura kuvugisha Hoseya ubga mbere, aramubarira, ati Genda, wābīre umugore maraya afise abana b’abasambanano: kukw iki gihugu cagize ubumaka bukomeye bgo kureka Uhoraho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ