Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Yeremiya 17:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Kandi nawe uzohomba ishamvu yawe naguhaye, ari wewe uvyihamagariye; nzotuma ukorera abansi bawe uri mu gihugu utazi, kuko mwadometse umuriro w’uburake bganje uzokwaka gushitsa ibihe vyose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Yeremiya 17:4
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

nuko nanje nzoherengeteza Abisirayeli mu gihugu nabahaye, kand’ iyi ngoro nejeje kubg’ izina ryanje nzoyishibura imve mu maso; kand’ Abisirayeli bazoba iciro ry’imigani n’agashinyaguro mu mahanga yose;


Umwami w’i Babuloni arabazibagura, abatsinda ngaho nyene i Ribula, mu ntāra y’i Hamati. Uko ni kw Abayuda bajanywekw inyagano, bakūrwa mu gihugu cabo.


Yamara ngo babone impore, bagasubira gukorera ibibi imbere yawe, nawe ukongera kubagabura mu maboko y’abansi babo bakabaganza. Mugabo, basubiye kugutakambira ukabumva uri mw ijuru, ukabarokora ibihe n’ibihe kubg’ imbabazi zawe.


Maze ku musi Uhoraho azokuruhura umubabaro n’amagorwa n’ibikorwa abaguhindagiza bagukoresha,


Kukw ikirundo c’inkwi citeguwe uhereye kera, mbere citeguriwe umwami; Uhoraho yakigize kirekire kandi kinini; ibigikomanije n’umuriro n’ibigiga vyinshi; impwemu z’Uhoraho zimeze nk’ umugezi w’amazuku ni zo zibidometse.


Ni co catumye uburake bg’Uhoraho buziriringira abantu biwe, akababangurira ukuboko, akabakubita, imisozi ikaja mu gatengo, maz’ imivyimba yabo ikamera nk’imyanda hagati mu mayira. Yamara na ho nyene uburake bgiwe ntiburahwama, arik’ ukuboko kwiwe kuracabanguye.


Umve mwese abacana umuriro, bakīshira imuri impande zose: ni mugende mumurikiwe n’umuriro wanyu, bo n’imuri mwidomekeye. Ivyo muzoronka mu kuboko kwanje n’ibi: muzoryamana umubabaro.


Nuko bazosohoka baje kwitegereza imivyimba y’abangararije; kukw inyo zabo zitazopfa, kandi n’umuriro wabo ntuzime; kandi bazotera abantu bose ishishi.


Nahevye inzu yanje, nataye ishamvu yanje; narekuriye inkundwakazi y’umutima wanje mu maboko y’abansi.


Kandi nzotuma bijanwa n’abansi bawe mu gihugu utazi: kuk’ umuriro ucanywe kubg’ uburake bganje, uzobatongora.


nuko rero ngw Azobirukana abakūre mur’ iki gihugu, muje mu gihugu mutigeze kumenya, mwebge canke ba sogokuruza banyu; muzohasabira izindi mana ku murango no mw ijoro; ngo Kukw atazobahangaza na gatoya.


Yamara wewe, Uhoraho, urazi imihigo bampigiye yose yo kunyica; ntuharire igicumuro cabo, ntusibanganye icaha cabo ngo kive mu nyonga zawe: ariko batsindwe imbere yawe; abe ari k’ubagirira mu gihe c’uburake bgawe.


Mbega Isirayeli n’umuja yaguzwe? Mbega yavukiye mu buja? None n’iki gitumye acika inyama z’ibisīga?


Ewe nzu ya Dawidi, uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni muce imanza ziroranye uko bukeye, mukize ūnyazwe mumukūre mu kuboko kw’ūmuhahaza, uburake bganje bgoye kurabagiza nk’umuriro, bukarurumba ntihagire ūshobora kubuzimya, kubg’ ibibi mukora.


Mbeg’ uyu Koniya n’urwavya rukēngērwa rusāvye? N’urwavya rudahimbaye? N’iki catumye bashiburwa, bashiburirwa mu gihugu batazi?


Maz’ igihe bazobaza, bati Mbeg’ Uhoraho Imana yacu ivyo vyose yabidukoreye ku ki? nawe ni ho uzobabarira, uti Nk’uko mwataye Imana, mugakorerera imana z’inyamahanga mu gihugu canyu, uko ni ko muzokorerera abanyamahanga mu gihugu kitar’ icanyu.


Mbeg’ ivyo ntibizotuma nisidukira? ni jewe Uhoraho mbibajije; mbeg’ umutima wanje ntuzohōra ubgoko bumeze burtyo?


Nuko rero, uku ni ko mbivuze, jewe Umwami Uhoraho, nt’ Eh’ uburake bganje n’ubushangashirwe bganje bizosukwa aha hantu, uhereye ku bantu no ku bitungwa no ku biti vyo ku misozi no ku bimera vyo mu mirima; buzotongora, nta kizobuzimya.


Yemwe mwese abīhitira, mbega nta co murushe muvyibazako? Enda ni mwitegereze, murābe ko hoba umubabaro uhwanye n’uyu wanje wanshitseko, Uwo Uhoraho yambabarishije ku musi w’uburake bgiwe bg’inkazi.


Ishamvu yacu yegukiwe n’ abanyamahanga, N’amazu yacu yegukiwe n’ab’ akavantara,


Kandi nzokurekurirak’ ubushangashirwe bganje, nkwakirizek’ umuriro w’ uburake bganje, nkugabure mu maboko y’abantu bameze nk’ibikōko, bazi guhonnya.


Ni co gituma ngira nshikimure ihanga rirushije ayandi kuba ribi, begukire amazu yabo; kandi nzotuma ubgibone bg’abahizi buherengetera; n’ahantu habo hēra hazohumanywa.


Uhoraho azotuma muneshwa n’abansi banyu: muzojana inzira imwe mubateye, mu kubahunga muce mu nzira ndwi; muzoba akūmiza mu bihugu vyose vyo mw isi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ